-
Ezekiyeli 45:1, 2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
45 “Nimwagabanganya igihugu ngo kibe intoranwa+, muze muhe Yehova intererano y’umugabane mweranda mukuye ku gihugu+. Uburebure bwawo buze bube intambwe* 25.000, ubwaguke na bwo intambwe 10.000+. Ico gice cose kizoba ari umugabane mweranda*. 2 Muri ico gice hazoba ikibanza c’ikwadarato gipima intambwe 500 ku 500*+ kigenewe ahantu heranda. Irya n’ino yaho hazoba uburagiro bw’intambwe 50+.
-