2 Igihe Yehova yatangura guha ubwo butumwa Hoseya, Yehova yamubwiye ati: «Genda urongore umugore. Umugore wawe azoba imaraya, kandi uzoronka abana bavutse muri ubwo bumaraya, kuko ubumaraya ari bwo bwatumye igihugu giheba burundu gukurikira Yehova+.»