11 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati:
“Inkota y’umwami wa Babiloni izokuzako+.
12 Nzotuma amasinzi yawe yicishwa inkota n’abarwanyi b’abahizi,
bose hamwe bakaba bakaze kuruta abo mu yandi mahanga+.
Bazoshira hasi ubwishime bwa Misiri, kandi amasinzi yiwe yose azozimanganywa+.