ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 43:10, 11
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Uheze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzoshira intebe yiwe y’ubwami hejuru y’aya mabuye nanyegeje, kandi azosanza ihema ryiwe ry’ubwami kuri yo+. 11 Azoza asasike igihugu ca Misiri+. Uwugenewe ikiza cica azokwicwa n’ikiza cica, uwugenewe kugirwa imbohe, azogirwa imbohe, uwugenewe inkota na we azokwicwa n’inkota+.

  • Yeremiya 46:25, 26
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 25 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira mpagurukire imana Amoni+ y’ahitwa No*+, Farawo, Misiri, imana zaho+ n’abami baho. Egome ngira mpagurukire Farawo n’abamwizigira bose+.”

      26 “Nzotuma bagwa mu maboko y’abarondera kubica, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+ n’abasuku biwe. Ariko mu nyuma, hazosubira kuba abantu nka kera”, ni ko Yehova avuze+.

  • Ezekiyeli 30:24
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 24 Nzokomeza amaboko* y’umwami wa Babiloni+, nshire inkota yanje mu kuboko kwiwe+, mvune amaboko ya Farawo. Farawo azoborogera cane imbere yiwe* nk’umuntu ari ku mpfiro.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika