-
Yeremiya 43:10, 11Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
10 Uheze ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: ‘Ngira ntumeko umusavyi wanje Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. Nzoshira intebe yiwe y’ubwami hejuru y’aya mabuye nanyegeje, kandi azosanza ihema ryiwe ry’ubwami kuri yo+. 11 Azoza asasike igihugu ca Misiri+. Uwugenewe ikiza cica azokwicwa n’ikiza cica, uwugenewe kugirwa imbohe, azogirwa imbohe, uwugenewe inkota na we azokwicwa n’inkota+.
-
-
Yeremiya 46:25, 26Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
25 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira mpagurukire imana Amoni+ y’ahitwa No*+, Farawo, Misiri, imana zaho+ n’abami baho. Egome ngira mpagurukire Farawo n’abamwizigira bose+.”
26 “Nzotuma bagwa mu maboko y’abarondera kubica, mu maboko ya Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+ n’abasuku biwe. Ariko mu nyuma, hazosubira kuba abantu nka kera”, ni ko Yehova avuze+.
-