ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 6:10-12
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Yehova Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha+, igihugu kirimwo ibisagara binini kandi vyiza mutubatse+, 11 amazu yuzuyemwo ivyiza vy’ubwoko bwose mutakoreye, ibinogo vy’amazi mutimvye, imirima y’imizabibu hamwe n’ibiti vy’imyelayo mutateye hanyuma mukarya mugahaga+, 12 muraba maso ntimuze mwibagire Yehova+ we yabakuye mu gihugu ca Misiri, igihugu mwabayemwo muri abashumba*.

  • Gusubira mu vyagezwe 8:12-14
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 12 Nimwamara kurya mugahaga, mukubaka amazu meza mukayabamwo+, 13 ibitungwa vyanyu bikagwira, mukaronka ifeza n’inzahabu nyinshi, mukagira umusesekara muri vyose, 14 ntimuze mwivyimvye*+ ngo mwibagire Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri mwabayemwo muri abashumba*+,

  • Gusubira mu vyagezwe 32:15
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Aho Yeshuruni* avyibuhiye, yaciye atera imigere, aragarariza.

      (Waravyibushe, uradoha, usigara ungana isi+.)

      Yaciye aheba Imana yamuremye+,

      asuzugura Igitandara c’ubukiriro bwiwe.

  • Gusubira mu vyagezwe 32:18
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 18 Mwaribagiye Igitandara+ cabavyaye,

      ntimwibutse Imana yabibarutse+.

  • Yesaya 17:10
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 10 Kuko wibagiye Imana+ igukiza,

      ntiwibuka ca Gitandara+ cawe kigukingira.

      Ni co gituma utera imirima iteye igomwe,

      ukayishiramwo umuvyaro w’umunyamahanga*.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika