-
1 Abami 12:32, 33Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
32 Yerobowamu atanguza n’umusi mukuru mu kwezi kugira umunani, ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi, umeze nk’umusi mukuru wahimbazwa mu Buyuda+. Ashikana ibimazi ku gicaniro yubatse i Beteli+, abishikanira za nyana yari yarakoze. Agena n’abaherezi bo gukorera i Beteli mu bibanza vyo gusengeramwo yari yaratunganije. 33 Yerobowamu atangura rero gushikana amashikanwa ku gicaniro yari yarubatse i Beteli, ku musi ugira 15 w’ukwezi kw’umunani. Ni we yahisemwo ukwo kwezi. Atanguza uwo musi mukuru kugira Abisirayeli bazoze barawuhimbaza, atanga n’amashikanwa kuri nya gicaniro umwotsi urafumba.
-