-
2 Abami 23:15, 16Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
15 Asambura n’igicaniro cari i Beteli hamwe n’ikibanza co gusengeramwo cubatswe na Yerobowamu mwene Nebati, kigatuma Abisirayeli bacumura+. Amaze kubisambura aca aturira ico kibanza, ivyariyo vyose arabisya bisigara ari ifu, aturira n’inkingi nyeranda y’igiti yaho+.
16 Yosiya ahindukiye akabona imva zari ku musozi, aca ategeka ko bakura amagufa yarimwo bakayaturirira kuri nya gicaniro c’i Beteli kugira ngo agihumanye. Ivyo vyari bihuye n’ivyo Yehova yari yaravuze, biciye kuri wa muntu w’Imana y’ukuri yamenyesha ko ivyo bintu vyobaye+.
-
-
2 Ngoma 31:1Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
31 Bakirangiza ivyo vyose, Abisirayeli bose bari ng’aho baja mu bisagara vy’Ubuyuda, bamenagura inkingi nyeranda z’amabuye+, bicira n’inkingi nyeranda z’ibiti*+. Basenyagura ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’ibicaniro+ mu Buyuda bwose no mu karere ka Benyamini, aka Efurayimu n’aka Manase+, gushika babizimanganije vyose. Abisirayeli bose baraheza basubira mu bisagara vyabo, umwe wese kw’itongo ryiwe.
-
-
Hoseya 10:2Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
-
-
Hariho uwuzosambura ibicaniro vyabo, amenagure inkingi zabo.
-