ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 23:15, 16
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 15 Asambura n’igicaniro cari i Beteli hamwe n’ikibanza co gusengeramwo cubatswe na Yerobowamu mwene Nebati, kigatuma Abisirayeli bacumura+. Amaze kubisambura aca aturira ico kibanza, ivyariyo vyose arabisya bisigara ari ifu, aturira n’inkingi nyeranda y’igiti yaho+.

      16 Yosiya ahindukiye akabona imva zari ku musozi, aca ategeka ko bakura amagufa yarimwo bakayaturirira kuri nya gicaniro c’i Beteli kugira ngo agihumanye. Ivyo vyari bihuye n’ivyo Yehova yari yaravuze, biciye kuri wa muntu w’Imana y’ukuri yamenyesha ko ivyo bintu vyobaye+.

  • 2 Ngoma 31:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 31 Bakirangiza ivyo vyose, Abisirayeli bose bari ng’aho baja mu bisagara vy’Ubuyuda, bamenagura inkingi nyeranda z’amabuye+, bicira n’inkingi nyeranda z’ibiti*+. Basenyagura ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’ibicaniro+ mu Buyuda bwose no mu karere ka Benyamini, aka Efurayimu n’aka Manase+, gushika babizimanganije vyose. Abisirayeli bose baraheza basubira mu bisagara vyabo, umwe wese kw’itongo ryiwe.

  • 2 Ngoma 34:1
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 34 Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 31 aganza i Yeruzalemu+.

  • 2 Ngoma 34:7
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    • 7 asiturira hasi ibicaniro, amenagura inkingi nyeranda z’ibiti n’ibishusho bibajwe+, abigira ifu. Asitura ibicaniro vyose baturirirako imibavu vyari mu gihugu cose ca Isirayeli+, araheza asubira i Yeruzalemu.

  • Hoseya 10:2
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  2 Umutima wabo wuzuyemwo uburyarya*.

      Ubu rero bazokwagirwa n’icaha.

      Hariho uwuzosambura ibicaniro vyabo, amenagure inkingi zabo.

  • Mika 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
    •  6 Samariya nzoyigira ikirundo c’ibihomvagurike mu gahinga,

      ahantu ho gutera imizabibu.

      Amabuye yiwe nzoyaterera* mu kiyaya,

      imishinge yiwe ndayishire ahabona.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika