Abalewi 26:26 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 26 Ninasambura ibigega* vyanyu vy’ibifungurwa*+, abagore cumi bazosigara botsa umukate mw’ifuru imwe gusa hanyuma bawubagaburire ku gipimo+. Muzorya ariko ntimuzohaga+. Gusubira mu vyagezwe 28:38 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 38 Muzotera imbuto nyinshi ariko muzokwimbura bike+, kuko inzige zizobirya. Gusubira mu vyagezwe 32:24 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 24 Bazokwicwa n’inzara+,bamarwe n’inyonko ikaze n’agatikizo gakomeye+. Nzobarungikamwo ibikoko biryana+hamwe n’inzoka z’ubumara zikwega hasi*. 1 Abami 18:2 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 2 Eliya agenda rero kubonana na Ahabu. Ico gihe inzara yari ikaze+ i Samariya. 2 Abami 4:38 Bibiliya y’isi nshasha (nwt) 38 Igihe Elisha yasubira i Gilugali, hari hateye inzara mu gihugu+. Nuko abwira umusuku wiwe+ ati: «Shira ya nkono nini ku ziko utekere isupu abana b’abahanuzi.» Muri uwo mwanya, abana b’abahanuzi+ bari bicaye imbere yiwe.
26 Ninasambura ibigega* vyanyu vy’ibifungurwa*+, abagore cumi bazosigara botsa umukate mw’ifuru imwe gusa hanyuma bawubagaburire ku gipimo+. Muzorya ariko ntimuzohaga+.
24 Bazokwicwa n’inzara+,bamarwe n’inyonko ikaze n’agatikizo gakomeye+. Nzobarungikamwo ibikoko biryana+hamwe n’inzoka z’ubumara zikwega hasi*.
38 Igihe Elisha yasubira i Gilugali, hari hateye inzara mu gihugu+. Nuko abwira umusuku wiwe+ ati: «Shira ya nkono nini ku ziko utekere isupu abana b’abahanuzi.» Muri uwo mwanya, abana b’abahanuzi+ bari bicaye imbere yiwe.