8 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Haracariho uwundi mugabo yotubariza Yehova+. Mugabo ndamwanka+ kuko atigera avuga ko hari ivyiza bizonshikira, amvugako ibibi gusa+. Ni Mikaya mwene Imula.» Ariko Yehoshafati avuga ati: «Sigaho mwami, reka kuvuga gutyo.»