16 Ni co gituma uwo muhango tuwuronka biciye ku kwizera, ngo kibe ikintu dukesha ubuntu buhebuje+. Muri ubwo buryo, abakomoka kuri Aburahamu bose+ barashobora kubona iranguka ry’uwo muhango, atari gusa abumira ku mategeko ahubwo n’abumira ku kwizera kwa Aburahamu, data wacu twese+.