11 Kandi yararonse ikimenyetso+, ni ukuvuga ukugenyerwa, nk’ikidodo cerekana ko ari umugororotsi bivuye ku kwizera yari afise igihe atari bwagenyerwe. Ivyo vyabaye kugira abe se w’abari n’ukwizera bose+ batagenyerewe, ngo babonwe ko ari abagororotsi.