ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 25
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ibizoshikira Abamoni (1-7)

      • Ibizoshikira Mowabu (8-11)

      • Ibizoshikira Edomu (12-14)

      • Ibizoshikira Ubufilisitiya (15-17)

Ezekiyeli 25:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +It 19:36, 38
  • +Yr 49:1; Am 1:13; Zf 2:9

Ezekiyeli 25:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amakambi azitijwe impome.»

Ezekiyeli 25:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 12:26; Ezk 21:20

Ezekiyeli 25:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Int 2:15
  • +Zf 2:8

Ezekiyeli 25:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:2; Am 1:14

Ezekiyeli 25:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 15:1; Yr 48:1; Am 2:1
  • +Gus 2:4

Ezekiyeli 25:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umumanuko.»

  • *

    Canke «n’ikirezi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 32:37, 38; Yos 13:15, 19

Ezekiyeli 25:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 25:4
  • +Ezk 21:28, 32

Ezekiyeli 25:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 48:1

Ezekiyeli 25:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 28:17; Zb 137:7; Int 4:22; Am 1:11; Ob 10

Ezekiyeli 25:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mal 1:4
  • +Yr 49:7, 8

Ezekiyeli 25:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 11:14; 63:1
  • +Nah 1:2

Ezekiyeli 25:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «akagaye mu mutima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 28:18; Yes 9:11, 12; 14:29; Yr 47:1; Yw 3:4-6; Am 1:6

Ezekiyeli 25:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 25:17, 20; Zf 2:4
  • +Zf 2:5
  • +Yr 47:4

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 25:2It 19:36, 38
Ezk. 25:2Yr 49:1; Am 1:13; Zf 2:9
Ezk. 25:52Sm 12:26; Ezk 21:20
Ezk. 25:6Int 2:15
Ezk. 25:6Zf 2:8
Ezk. 25:7Yr 49:2; Am 1:14
Ezk. 25:8Yes 15:1; Yr 48:1; Am 2:1
Ezk. 25:8Gus 2:4
Ezk. 25:9Gh 32:37, 38; Yos 13:15, 19
Ezk. 25:10Ezk 25:4
Ezk. 25:10Ezk 21:28, 32
Ezk. 25:11Yr 48:1
Ezk. 25:122Ng 28:17; Zb 137:7; Int 4:22; Am 1:11; Ob 10
Ezk. 25:13Mal 1:4
Ezk. 25:13Yr 49:7, 8
Ezk. 25:14Yes 11:14; 63:1
Ezk. 25:14Nah 1:2
Ezk. 25:152Ng 28:18; Yes 9:11, 12; 14:29; Yr 47:1; Yw 3:4-6; Am 1:6
Ezk. 25:16Yr 25:17, 20; Zf 2:4
Ezk. 25:16Zf 2:5
Ezk. 25:16Yr 47:4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 25:1-17

Ezekiyeli

25 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, niwerekeze amaso ku Bamoni+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizobashikira+. 3 Ku bijanye n’Abamoni, vuga uti: “Nimwumve ijambo ry’Umukama Segaba Yehova. Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ko mwavuze ngo “Awa!” ku bijanye n’ahantu hanje heranda igihe hahumanywa, no ku bijanye n’igihugu ca Isirayeli igihe catikizwa, no ku bijanye n’abo mu Buyuda igihe bajanwa mu bunyagano, 4 ngira rero ntume abantu bo mu buseruko babigarurira. Bazoshira amakambi* yabo iwanyu, bashinge amahema muri mwebwe. Bazorya ivyamwa vyanyu, banywe n’amata yanyu. 5 Igisagara ca Raba+ nzokigira aho baragira ingamiya, igihugu c’Abamoni ndakigire ahantu amasho aruhukira. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.’”»

6 «Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko mwakubise amashi ku yandi+, mukadida ibirenge, mukanezerwa kubera ivyashikiye igihugu ca Isirayeli mufise akagaye kenshi+, 7 nzoramvura rero ukuboko ndabahane, ntume amahanga abasahura. Nzobarandura mu yandi mahanga, ndabahonye muve mu bindi bihugu+. Nzobazimanganya, kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

8 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ko Mowabu+ na Seyiri+ bavuze ngo: ‘Erega Ubuyuda bumeze nk’ayandi mahanga yose’, 9 ngira ntume vyoroha gutera uruhande* rwa Mowabu ruri hafi y’ibisagara vyo ku mupaka waho, n’ibisagara vyizavyiza* vy’ico gihugu ari vyo Beti-Yeshimoti, Bayali-Meyoni, gushika n’i Kiriyatayimu+. 10 Nzotuma hegukira abantu bo mu buseruko nka kurya nzobigira ku Bamoni+, ku buryo Abamoni batazosubira kwibukwa mu mahanga+. 11 Nzoshitsa urubanza naciriye Mowabu+, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”

12 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Edomu yarihoye abo mu Buyuda, bituma yagirwa n’ikosa rikomeye+. 13 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Nanje nzoramvura ukuboko mpane Edomu, ndaharandure abantu n’ibitungwa, ndahatikize+. Kuva i Temani gushika i Dedani, abantu bazokwicishwa inkota+. 14 “Nzokwihora Edomu biciye ku bantu banje b’Abisirayeli+. Bazozana kuri Edomu ishavu ryanje n’uburake bwanje, kugira Abanyedomu bibonere ingene nihora+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.’”

15 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kubera urwanko rudahera rw’Abafilisitiya, bagize umutima mubi* barondera kwihora no guhonya+. 16 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: ‘Ngira ndamvure ukuboko mpane Abafilisitiya+, ndandure Abakereti+, mponye n’ababa ku nkengera y’ikiyaga basigaye+. 17 Nzobihora bimwe bikomeye ndabahane naratse, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninabihora.’”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika