Yeremiya
35 Yehova yavuganye na Yeremiya mu gihe ca Yehoyakimu+ mwene Yosiya, umwami w’Ubuyuda, amubwira ati: 2 «Ja kuraba abo mu muryango w’Abarekabu+ uvugane na bo, maze ubazane mu nzu ya Yehova, muri bumwe mu buriro* bwaho, ubahe umuvinyu banywe.»
3 Ntora rero Yazaniya mwene Yeremiya, Yeremiya mwene Habaziniya, na benewabo, n’abahungu biwe bose n’umuryango wose w’Abarekabu, 4 ndabazana mu nzu ya Yehova. Nabatwaye mu buriro bwa bene Hanane mwene Igidaliya, umuntu w’Imana y’ukuri, iruhande y’uburiro bw’abatware*. Uburiro bw’abatware bwari hejuru y’uburiro bwa Mayaseya mwene Shalumu umurinzi w’umuryango. 5 Maze ntereka imbere y’abagabo bo mu muryango w’Abarekabu ibikombe n’ibindi banyweramwo vyuzuye umuvinyu, hanyuma ndababwira nti: «Nimunywe umuvinyu.»
6 Mugabo bavuga bati: «Nta muvinyu tunywa, kuko Yehonadabu*+ mwene Rekabu, sogokuruza wacu, yadutegetse ati: “Ntimuze mwigere munywa umuvinyu, yaba mwebwe canke abahungu banyu. 7 Kandi ntimuze mwubake inzu canke ngo mubibe imbuto, canke ngo mutere umurima w’imizabibu canke ngo muwironse. Mukwiye nyabuna kuguma muba mu mahema kugira ngo murambire mu gihugu mubayemwo nk’abanyamahanga.” 8 Turabandanya rero kugamburuka ivyo Yehonadabu mwene Rekabu sogokuruza wacu yadutegetse vyose, mu kutigera tunywa umuvinyu, yaba twebwe, abagore bacu, abahungu bacu canke abakobwa bacu. 9 Nta n’amazu yo kubamwo twubaka, kandi nta mirima y’imizabibu dufise canke amatongo canke imbuto. 10 Tubandanya kuba mu mahema no kugamburuka ivyo sogokuruza wacu Yehonadabu* yadutegetse vyose. 11 Mugabo igihe Nebukadinezari* umwami wa Babiloni yaza gutera igihugu+, twibwiye duti: “Reka tuje i Yeruzalemu duhunge ingabo z’Abakaludaya n’Abasiriya.” Ni yo mpamvu ubu twibera i Yeruzalemu.»
12 Maze Yehova abwira Yeremiya ati: 13 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze: “Genda ubwire abagabo bo mu Buyuda n’ababa i Yeruzalemu uti: ‘Mbega sinaguma ndabaremesha ngo mugamburuke ivyo mvuga+?’, ni ko Yehova avuze. 14 ‘Yehonadabu mwene Rekabu yategetse abamukomokako kutanywa umuvinyu, kandi barabikurikije mu kutanywa umuvinyu gushika n’uyu musi, bagamburuka itegeko rya sekuruza wabo+. Ariko jewe navuganye namwe incuro n’izindi* mugabo ntimwangamburukiye+. 15 Nagumye ndabatumako abasavyi banje bose b’abahanuzi incuro n’izindi*+, nkavuga nti: “Ndabasavye, umwe wese ahindukire ahebe ingeso ziwe mbi+, akore ibigororotse. Ntimukurikire izindi mana kandi ntimuzisenge*. Muzoheza mubandanye kuba mu gihugu nabahaye mwe na ba sogokuruza banyu+.” Ariko ntimwateze ugutwi canke ngo munyumvirize. 16 Abakomoka kuri Yehonadabu mwene Rekabu barakurikije itegeko rya sekuruza wabo+, ariko aba bantu bo ntibanyumvirije.’”»
17 «Yehova, Imana Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: “Ngira nzane ku Buyuda no ku baba i Yeruzalemu bose ivyago vyose nababwiye ko bizobashikira+, kuko navuganye na bo mugabo ntibumviriza, nkaguma ndabahamagara mugabo ntibitabe+.”»
18 Yeremiya abwira abo mu muryango w’Abarekabu ati: «Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ko mwagamburutse itegeko Yehonadabu sogokuruza wanyu yabahaye, mukabandanya gukurikiza ivyo yabategetse vyose, mugakora neza na neza ivyo yabategetse, 19 Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze rero ati: ‘Mu bakomoka kuri Yehonadabu* mwene Rekabu ntihazokwigera habura uwukorera imbere yanje.’”»