ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 17
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Urubanza rwaciriwe Damasiko (1-11)

      • Yehova azokankamira amahanga (12-14)

Yesaya 17:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 49:23; Zk 9:1
  • +2Bm 16:8, 9; Yes 8:4; Am 1:5

Yesaya 17:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 32:34; Yos 13:15, 16; 2Bm 10:32, 33

Yesaya 17:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 17:6; Yes 7:8; 28:1, 2; Hs 5:14
  • +2Bm 16:8, 9

Yesaya 17:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ibinure vy’umubiri wiwe.»

Yesaya 17:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «atorora», «ahumba.» Raba Insiguro y’amajambo (Gutorora).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 15:8, 12; 18:11, 16

Yesaya 17:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «bakubise (n’inkoni).»

  • *

    Ico giti cama imyelayo (olive).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 4:27; 24:20

Yesaya 17:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «Uwamuhinguye.»

Yesaya 17:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 31:1
  • +Hs 8:6, 11

Yesaya 17:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Hs 10:14; Am 3:11

Yesaya 17:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imana y’inyamahanga.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 50:22; Hs 8:14
  • +Gus 32:4; 2Sm 22:32

Yesaya 17:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:30; Hs 8:7

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 17:1Yr 49:23; Zk 9:1
Yes. 17:12Bm 16:8, 9; Yes 8:4; Am 1:5
Yes. 17:2Gh 32:34; Yos 13:15, 16; 2Bm 10:32, 33
Yes. 17:32Bm 17:6; Yes 7:8; 28:1, 2; Hs 5:14
Yes. 17:32Bm 16:8, 9
Yes. 17:5Yos 15:8, 12; 18:11, 16
Yes. 17:6Gus 4:27; 24:20
Yes. 17:82Ng 31:1
Yes. 17:8Hs 8:6, 11
Yes. 17:9Hs 10:14; Am 3:11
Yes. 17:10Zb 50:22; Hs 8:14
Yes. 17:10Gus 32:4; 2Sm 22:32
Yes. 17:11Gus 28:30; Hs 8:7
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 17:1-14

Yesaya

17 Ng’uru urubanza rwaciriwe Damasiko+:

«Raba! Damasiko ntizosubira kuba igisagara.

Izohinduka ikirundo c’ibihomvagurike+.

 2 Ibisagara vya Aroweri+ bizohebwa.

Bizosigara ari ahantu amasho avyagira,

ata n’umwe ayatera ubwoba.

 3 Ibisagara bikingijwe ibihome bizozimangana mu karere ka Efurayimu+,

n’ubwami buzimangane i Damasiko+.

Icubahiro c’Abasiriya bazoba basigaye kizozimangana

nk’icubahiro c’Abisirayeli», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

 4 «Kuri uwo musi icubahiro ca Yakobo kizogabanuka,

umubiri wiwe udoshe* unambe.

 5 Bizoba nk’igihe uwimbura yimbura intete mu murima,

ukuboko kwiwe kukimbura amahundo y’intete,

nk’igihe umuntu atoragura* intete mu kiyaya ca Refayimu+.

 6 Hazosigara gusa utuntu two gutoragura.

Bizomera nk’igihe bahurunguye* igiti c’umwelayo*:

hasigara gusa utwelayo tubiri canke dutatu duhiye kw’ishami riri hejuru kuruta ayandi,

hagasigara gusa tune canke dutanu ku mashami yaco yama ivyamwa+», ni ko Yehova Imana ya Isirayeli avuze.

7 Kuri uwo musi umuntu azorangamiza arabe Uwamuremye*, ahange amaso wa Mweranda wa Isirayeli. 8 Ntazoraba ibicaniro+ yakoze n’amaboko yiwe+, kandi ntazohanga amaso ivyo intoke ziwe zakoze, zaba inkingi nyeranda z’ibiti* canke ibicaniro baturirirako imibavu.

 9 Kuri uwo musi, ibisagara vyiwe bikingijwe ibihome bizoba nk’ahantu ho mw’ishamba hahebwe+,

nk’ishami bahevye kubera Abisirayeli.

Hazosigara ari mu gahinga.

10 Kuko wibagiye Imana+ igukiza,

ntiwibuka ca Gitandara+ cawe kigukingira.

Ni co gituma utera imirima iteye igomwe,

ukayishiramwo umuvyaro w’umunyamahanga*.

11 Ku murango urazitira neza umurima wawe,

mu gitondo ugatuma imbuto wateye zinaga.

Mugabo nta co uzokwimbura ku musi w’indwara n’ububabare budakira+.

12 Umve uruhagarara rw’amahanga menshi

asebagirika nk’ibiyaga!

Hari urwamo rw’amahanga

ahinda nk’urwamo rw’amazi akomeye!

13 Amahanga azohinda nk’urwamo rw’amazi menshi.

Imana izoyakankamira ahungire kure,

nka kurya umuguruka wo ku misozi utumurwa n’umuyaga,

nka kurya ibitovu bivumburwa n’umuyaga w’igihuhusi bikagenda vyizunguriza.

14 Ku mugoroba hazoba hari ugucika ivutu.

Imbere y’uko buca abansi ntibazoba bakiriho.

Uwo ni wo mugabane w’abatwambura,

ni yo mpembo y’abadusahura.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika