Yesaya
17 Ng’uru urubanza rwaciriwe Damasiko+:
«Raba! Damasiko ntizosubira kuba igisagara.
Izohinduka ikirundo c’ibihomvagurike+.
3 Ibisagara bikingijwe ibihome bizozimangana mu karere ka Efurayimu+,
n’ubwami buzimangane i Damasiko+.
Icubahiro c’Abasiriya bazoba basigaye kizozimangana
nk’icubahiro c’Abisirayeli», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
5 Bizoba nk’igihe uwimbura yimbura intete mu murima,
ukuboko kwiwe kukimbura amahundo y’intete,
hasigara gusa utwelayo tubiri canke dutatu duhiye kw’ishami riri hejuru kuruta ayandi,
hagasigara gusa tune canke dutanu ku mashami yaco yama ivyamwa+», ni ko Yehova Imana ya Isirayeli avuze.
7 Kuri uwo musi umuntu azorangamiza arabe Uwamuremye*, ahange amaso wa Mweranda wa Isirayeli. 8 Ntazoraba ibicaniro+ yakoze n’amaboko yiwe+, kandi ntazohanga amaso ivyo intoke ziwe zakoze, zaba inkingi nyeranda z’ibiti* canke ibicaniro baturirirako imibavu.
9 Kuri uwo musi, ibisagara vyiwe bikingijwe ibihome bizoba nk’ahantu ho mw’ishamba hahebwe+,
nk’ishami bahevye kubera Abisirayeli.
Hazosigara ari mu gahinga.
Ni co gituma utera imirima iteye igomwe,
ukayishiramwo umuvyaro w’umunyamahanga*.
11 Ku murango urazitira neza umurima wawe,
mu gitondo ugatuma imbuto wateye zinaga.
Mugabo nta co uzokwimbura ku musi w’indwara n’ububabare budakira+.
12 Umve uruhagarara rw’amahanga menshi
asebagirika nk’ibiyaga!
Hari urwamo rw’amahanga
ahinda nk’urwamo rw’amazi akomeye!
13 Amahanga azohinda nk’urwamo rw’amazi menshi.
Imana izoyakankamira ahungire kure,
nka kurya umuguruka wo ku misozi utumurwa n’umuyaga,
nka kurya ibitovu bivumburwa n’umuyaga w’igihuhusi bikagenda vyizunguriza.
14 Ku mugoroba hazoba hari ugucika ivutu.
Imbere y’uko buca abansi ntibazoba bakiriho.
Uwo ni wo mugabane w’abatwambura,
ni yo mpembo y’abadusahura.