ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zakariya 10
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Zakariya: ibirimwo

      • Nimusabe imvura Yehova, aho kuyisaba ibigirwamana (1, 2)

      • Yehova akoraniriza hamwe abantu biwe (3-12)

        • Umukuru ava mu Buyuda (3, 4)

Zakariya 10:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 11:14; Yr 14:22; 51:16; Ezk 34:26; Yw 2:23

Zakariya 10:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

  • *

    Canke «vy’amageza», «bisiga ubwenge.»

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Imizimu, rup. 58

Zakariya 10:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ico mbaza amasuguru y’impene.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 34:16, 17

Zakariya 10:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umunara wo mu mfuruka.» Bigereranya umuntu akomeye canke ahambaye, w’umutegetsi.

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «urumambo.» Bigereranya umuntu ashigikira abandi canke umutware.

  • *

    Canke «abakoresha abandi ibikorwa.»

Zakariya 10:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 20:1
  • +Hg 2:22

Zakariya 10:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 3:18; Ezk 37:16, 19; Hs 1:10, 11
  • +Yr 31:9, 20
  • +Yr 30:18

Zakariya 10:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zk 9:15
  • +Yes 66:14; Zf 3:14

Zakariya 10:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 44:22; 51:11

Zakariya 10:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 11:11
  • +Yr 50:19; Mik 7:14
  • +Yes 49:19, 20; 54:1, 2

Zakariya 10:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 11:15
  • +Yes 19:1; Ezk 30:13

Zakariya 10:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 41:10; 45:24
  • +Mik 4:5

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Zak. 10:1Gus 11:14; Yr 14:22; 51:16; Ezk 34:26; Yw 2:23
Zak. 10:3Ezk 34:16, 17
Zak. 10:5Gus 20:1
Zak. 10:5Hg 2:22
Zak. 10:6Yr 3:18; Ezk 37:16, 19; Hs 1:10, 11
Zak. 10:6Yr 31:9, 20
Zak. 10:6Yr 30:18
Zak. 10:7Zk 9:15
Zak. 10:7Yes 66:14; Zf 3:14
Zak. 10:8Yes 44:22; 51:11
Zak. 10:10Yes 11:11
Zak. 10:10Yr 50:19; Mik 7:14
Zak. 10:10Yes 49:19, 20; 54:1, 2
Zak. 10:11Yes 11:15
Zak. 10:11Yes 19:1; Ezk 30:13
Zak. 10:12Yes 41:10; 45:24
Zak. 10:12Mik 4:5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zakariya 10:1-12

Zakariya

10 «Nimusabe Yehova imvura mu gihe c’imvura y’impeshi.

Yehova ni we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi,

agaha abantu imvura+,

umwe wese akamuha ibimera mu murima.

 2 Kuko ibigirwamana vy’umuryango* vyavuze ibintu vy’ububeshi*,

n’abaraguzi berekwa ibinyoma.

Bigana indoto ata co zimaze,

bakagerageza guhoza abantu, ntihagire ikivamwo.

Ni co gituma bazokwangara nk’intama,

bazomererwa nabi kuko ata mwungere ariho.

 3 Mfitiye abungere ishavu rirurumba,

kandi nzogira ico mbaza indongozi zicinyiza abandi*,

kuko Yehova Nyeningabo yitayeho ubusho bwiwe+, ni ukuvuga abo mu Buyuda.

Yabagize nk’ifarasi yiwe y’icubahiro iri mu rugamba.

 4 Mu Buyuda ni ho hava umukuru*,

ni ho hava umutegetsi abushigikira*,

ni ho hava umuheto w’urugamba,

ni na ho hava abahagarikizi* bose. Abo bose ni ho bava.

 5 Bazoba nk’abarwanyi

bahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba.

Bazorwana intambara kuko Yehova ari kumwe na bo+.

Abagendera ku mafarasi bazomaramara+.

 6 Nzotuma abo mu Buyuda bakomera kuruta abandi,

nkize abakomoka kuri Yozefu+.

Nzobagarukana

kuko nzobagirira imbabazi+.

Bazomera nk’aho ntigeze ndabata+,

kuko ndi Yehova Imana yabo, kandi nzobishura.

 7 Abo muri Efurayimu bazoba nk’umurwanyi w’intwari,

umutima wabo unezerwe nk’umuntu yanyoye umuvinyu+.

Abana babo bazobibona banezerwe.

Umutima wabo uzonezerwa kubera jewe Yehova+.

 8 “Nzobahamagaza agahwa ndabakoranirize hamwe.

Nzobacungura+ bagwire,

bagume bagwira.

 9 Naho ndabasanzariza mu mahanga nk’imbuto,

bazonyibuka bari mu turere twa kure.

Bo n’abana babo bazogarura agatege maze bagaruke.

10 Nzobagarukana ndabakuye mu gihugu ca Misiri,

ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri+.

Nzobazana mu gihugu ca Gileyadi+ n’i Libani,

babure n’aho bakwirwa+.

11 Nzoca mu kiyaga kigire amarushwa,

nkubite imipfunda yo mu kiyaga+.

Amazi yose ya Nili nzoyakamya gushika hasi epfo.

Ubwishime bwa Ashuri buzoshirwa hasi,

agakoni k’ubwami ka Misiri kaveho+.

12 Jewe Yehova nzotuma bakomera kuruta abandi+,

kandi bazogendera mw’izina ryanje+”, ni ko Yehova avuze.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika