Zakariya
10 «Nimusabe Yehova imvura mu gihe c’imvura y’impeshi.
Yehova ni we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi,
agaha abantu imvura+,
umwe wese akamuha ibimera mu murima.
Bigana indoto ata co zimaze,
bakagerageza guhoza abantu, ntihagire ikivamwo.
Ni co gituma bazokwangara nk’intama,
bazomererwa nabi kuko ata mwungere ariho.
3 Mfitiye abungere ishavu rirurumba,
kandi nzogira ico mbaza indongozi zicinyiza abandi*,
kuko Yehova Nyeningabo yitayeho ubusho bwiwe+, ni ukuvuga abo mu Buyuda.
Yabagize nk’ifarasi yiwe y’icubahiro iri mu rugamba.
4 Mu Buyuda ni ho hava umukuru*,
ni ho hava umutegetsi abushigikira*,
ni ho hava umuheto w’urugamba,
ni na ho hava abahagarikizi* bose. Abo bose ni ho bava.
5 Bazoba nk’abarwanyi
bahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba.
Nzobagarukana
kuko nzobagirira imbabazi+.
Bazomera nk’aho ntigeze ndabata+,
kuko ndi Yehova Imana yabo, kandi nzobishura.
7 Abo muri Efurayimu bazoba nk’umurwanyi w’intwari,
umutima wabo unezerwe nk’umuntu yanyoye umuvinyu+.
Abana babo bazobibona banezerwe.
Umutima wabo uzonezerwa kubera jewe Yehova+.
9 Naho ndabasanzariza mu mahanga nk’imbuto,
bazonyibuka bari mu turere twa kure.
Bo n’abana babo bazogarura agatege maze bagaruke.
10 Nzobagarukana ndabakuye mu gihugu ca Misiri,
ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri+.
Nzobazana mu gihugu ca Gileyadi+ n’i Libani,
babure n’aho bakwirwa+.
11 Nzoca mu kiyaga kigire amarushwa,
nkubite imipfunda yo mu kiyaga+.
Amazi yose ya Nili nzoyakamya gushika hasi epfo.
Ubwishime bwa Ashuri buzoshirwa hasi,
agakoni k’ubwami ka Misiri kaveho+.