Hoseya
10 «Isirayeli ni umuzabibu wononekaye* ariko wama+.
Uko ivyamwa vyiwe vyongerekana, ni ko yongereza ibicaniro+.
Uko igihugu ciwe cimbuka cane, ni ko arushiriza gushariza inkingi ziwe nyeranda+.
Hariho uwuzosambura ibicaniro vyabo, amenagure inkingi zabo.
3 Bazoheza bavuge bati: “Nta mwami dufise+, kuko tutatinye Yehova.
Ubundiho umwami yotumarira iki?”
4 Bavuga amajambo ata co amaze, bakarahira ibinyoma+ kandi bakagira amasezerano.
Ni co gituma urubanza rwabo rwanaze nk’ivyatsi vy’ubumara mu maburi yo mu murima+.
5 Ababa i Samariya bazotinya kubera ikigirwamana c’inyana c’i Beti-Aveni+.
Abantu baho bazokigandarira,
cokimwe n’abaherezi b’imana z’inyamahanga bahora baciratira bakiratira n’ubwiza bwaco,
kuko kizojanwa mu bunyagano kure yabo.
6 Bazokijana i Ashuri kugira bakigabire umwami ahambaye+.
Efurayimu izomaramara,
Isirayeli na yo irye ivyatsi kubera impanuro yakurikije+.
8 Ibibanza basengeramwo* vy’i Beti-Aveni+, ari na vyo vyacumuje Abisirayeli+, bizokurwaho+.
Ibicaniro vyabo bizomerako amahwa n’ibitovu+.
Abantu bazobwira imisozi bati: “Nimudupfuke!”,
babwire n’imitumba bati: “Nimutugweko+!”
9 Ewe Isirayeli, wacumuye kuva ca gihe c’i Gibeya+.
Aho ni ho mwakomantarije imitima.
Intambara ntiyaherengeteje* abantu batagororotse b’i Gibeya.
10 Nzobahana ninabishaka.
Ibicumuro vyabo bibiri nivyaboherwa kuri bo*,
amahanga azokoranira hamwe kugira abarwanye.
11 Efurayimu ni ishashi y’inka yamenyerejwe gukubita ibinyantete.
Ni co gituma izosi ryiwe ryiza naririnze ibikorwa.
Ubu rero ngira ndeke Efurayimu bamurimishe*+.
Yuda azorima, Yakobo na we akangaze.
12 Nimubibe imbuto mu bugororotsi maze mwimbure urukundo*.
13 Ariko mwarimye ububisha,
mwimbura ukutagororoka+,
maze murya ivyamwa vy’ububeshi.
Kuko mwizigiye inzira zanyu
be n’ingabo zanyu nyinshi.
14 Hazokwumvikana induru y’abaje gutera abantu banyu,
kandi ibisagara vyanyu bikingijwe ibihome vyose bizosamburwa+
nk’uko Shalumani yasambuye Beti-Arubeli
ku musi w’intambara, igihe abavyeyi bicwa rubi* bari kumwe n’abana babo.
15 Ewe Beteli, ivyo ni vyo bizogushikira+ kubera ukora ikibi kibishe.
Emwe mu mutwenzi, umwami wa Isirayeli ntazoba akiriho+.»