Zaburi
IGITABU CA KABIRI
(Zaburi 42-72)
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo* y’abahungu ba Kora+.
42 Nka kurya impongokazi yipfuza cane imigezi y’amazi,
ni ko nanje ndakwipfuza, ewe Mana yanje!
2 Ndanyotewe Imana, ndanyotewe Imana nzima+.
Nzoza ryari ngo nseruke imbere y’Imana+?
3 Amarira ni yo asigaye ari ivyo kurya vyanje ijoro n’umurango.
Abantu birirwa barantuka, bambwira ngo: «Imana yawe iri hehe+?»
4 Ibi iyo ndavyibutse nca nsuka ibiri ku mutima wanje.
Kera nahora njana n’isinzi ry’abantu,
nkagendera imbere yabo buhorobuhoro* tugiye ku nzu y’Imana.
Twagenda turavuza urwamo rw’umunezero twongera dushimira Imana,
nka kurya kw’isinzi ry’abantu riri mu musi mukuru+.
Kubera iki nuzuye amaganya?
7 Ibenga ry’amazi rihamagara irindi
iyo ryumvise ijwi ry’amasumo yawe.
Imikuba yawe isuriranya yandengeye+.
8 Ku murango Yehova azonyereka urukundo* rwiwe,
mw’ijoro na ho ndamuririmbire, nsenge Imana yampaye ubuzima+.
9 Nzobwira Imana yo gitandara canje nti:
«Kubera iki wanyibagiye+?
Kubera iki nogenda mbabaye kubera agacinyizo k’umwansi+?»
10 Abansi baguma bantuka n’ishavu n’akantu*.
Birirwa barantuka, bambwira ngo: «Imana yawe iri hehe+?»
11 Kubera iki nihebuye?
Kubera iki nuzuye amaganya?