Yosuwa
16 Akarere abakomoka kuri Yozefu+ bahawe biciye ku bupfindo+ kava ku ruzi Yorodani hafi y’i Yeriko, kakagenda kerekeza ku mazi ari mu buseruko bwa Yeriko. Kaca gaca mu bugaragwa bwaduga buvuye i Yeriko bugashika mu misozi y’i Beteli+. 2 Kaca kava i Beteli ahegukira igisagara ca Luzi kakabandanya i Ataroti ku rubibe rw’Abaruki. 3 Karaheza kakamanuka mu burengero ku rubibe rw’Abayafuleti, kakagenda gushika ku rubibe rwa Beti-Horoni+ y’Epfo n’i Gezeri+, kakagarukira ku kiyaga.
4 Nuko abakomoka kuri Yozefu+ ari bo Manase na Efurayimu, batorana akarere kabo+. 5 Urubibe rw’abakomoka kuri Efurayimu hisunzwe ingo zabo rwari uru: mu buseruko, akarere batoranye kava i Ataroti-Adari+ kagashika i Beti-Horoni ya Ruguru+, 6 kakabandanya gushika ku kiyaga. Uhereye i Mikimetati+ mu buraruko, urubibe rwakebereza mu buseruko ruja i Tayanati-Shilo n’i Yanowa. 7 Rwaca ruva i Yanowa rukamanuka i Ataroti n’i Nayara, rugaca i Yeriko+ rukagenda gushika kuri Yorodani. 8 Ruvuye i Tapuwa+ rwaca rubandanya mu burengero ku mwonga wa Kana, rukagarukira ku kiyaga+. Iyo ni yo ntoranwa y’umuryango wa Efurayimu hisunzwe ingo zabo. 9 Abakomoka kuri Efurayimu bari bafise n’ibisagara mu karere Manase yatoranye+ hamwe n’ibigwati bivyegukira.
10 Mugabo ntibomoye Abanyakanani baba i Gezeri+. Baracaba mu karere k’Abefurayimu gushika n’uyu musi+, ariko baciye babakoresha ibikorwa vy’agahato+.