ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 21
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Abacamanza: ibirimwo

      • Ivyo bakoze ngo umuryango wa Benyamini ntuzimangane (1-25)

Abacamanza 21:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 20:1
  • +Abc 21:18

Abacamanza 21:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 20:18, 26

Abacamanza 21:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 3:1

Abacamanza 21:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 5:4; 19:12; Mt 5:33
  • +Abc 21:1, 18

Abacamanza 21:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 20:1

Abacamanza 21:10

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 21:5

Abacamanza 21:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 18:1

Abacamanza 21:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 20:46, 47

Abacamanza 21:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 21:8, 12

Abacamanza 21:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 21:6

Abacamanza 21:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:12; Abc 21:1

Abacamanza 21:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 18:1

Abacamanza 21:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 21:12, 14
  • +Abc 21:1, 18

Abacamanza 21:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 20:48

Abacamanza 21:25

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «yiyumvira.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Abc 17:6; 1Sm 8:4, 5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/1/2005, rup. 27

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Abac. 21:1Abc 20:1
Abac. 21:1Abc 21:18
Abac. 21:2Abc 20:18, 26
Abac. 21:4Lw 3:1
Abac. 21:7Lw 5:4; 19:12; Mt 5:33
Abac. 21:7Abc 21:1, 18
Abac. 21:8Abc 20:1
Abac. 21:10Abc 21:5
Abac. 21:12Yos 18:1
Abac. 21:13Abc 20:46, 47
Abac. 21:14Abc 21:8, 12
Abac. 21:15Abc 21:6
Abac. 21:18Lw 19:12; Abc 21:1
Abac. 21:19Yos 18:1
Abac. 21:22Abc 21:12, 14
Abac. 21:22Abc 21:1, 18
Abac. 21:23Abc 20:48
Abac. 21:25Abc 17:6; 1Sm 8:4, 5
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abacamanza 21:1-25

Abacamanza

21 Igihe abagabo b’Abisirayeli bari i Mizipa+, barahiye bati: «Nta n’umwe muri twebwe azoha umukobwa wiwe Umubenyamini ngo amubere umugore+.» 2 Nuko Abisirayeli baja i Beteli+, bicara ng’aho imbere y’Imana y’ukuri gushika ku mugoroba. Bararira baraboroga bimwe bikomeye. 3 Barira bavuga ngo: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, kubera iki ibi vyashitse muri Isirayeli? Kubera iki umuryango umwe wozimangana uyu musi muri Isirayeli?» 4 Ku musi ukurikira, abantu bavyuka kare bahubaka igicaniro ngo bashikanire Imana amashikanwa aturirwa n’ayo gusangira+.

5 Maze Abisirayeli bavuga bati: «Mu miryango yose ya Isirayeli ni nde ataje gukoranira imbere ya Yehova?» Kuko bari barahiye indahiro ikomeye, y’uko uwutazoza imbere ya Yehova i Mizipa ategerezwa kwicwa. 6 Abisirayeli batuntuzwa n’ivyari vyashikiye Ababenyamini benewabo. Bavuga bati: «Uyu musi umuryango umwe uraranduwe muri Isirayeli. 7 Dukore iki ngo Ababenyamini basigaye tubaronse abagore, ko twarahiye Yehova+ yuko ata mukobwa wacu n’umwe tuzogenda tubahaye+?»

8 Babazanya bati: «Mu miryango ya Isirayeli ni bande bataje imbere ya Yehova i Mizipa+?» Basanga mu b’i Yabeshi-Gileyadi nta n’umwe yaje aho ishengero ryari ryakoraniye. 9 Nkako, igihe bariko baraharura abantu, babonye mu baba i Yabeshi-Gileyadi ata n’umwe ahari. 10 Ishengero rica ritora abagabo 12.000 mu bagabo bakomeye kuruta abandi, ribarungikayo. Babategeka bati: «Gende mwicishe inkota ababa i Yabeshi-Gileyadi, mudasize inyuma abagore n’abana+. 11 Muze mwice umugabo wese n’umugore wese amaze kuryamana n’umugabo.» 12 Mu baba i Yabeshi-Gileyadi basangamwo abakobwa 400 b’isugi batarigera baryamana n’umugabo. Baca babazana aho bakambitse i Shilo+ mu gihugu ca Kanani.

13 Maze ishengero ryose rirungikira ubutumwa bw’amahoro Ababenyamini bari ku rutare rwa Rimoni+. 14 Abo Babenyamini baraheza baragaruka. Maze Abisirayeli babaha ba bigeme batishe igihe bica abagore b’i Yabeshi-Gileyadi+. Mugabo ntibabaronkeye abakwiye. 15 Abantu batuntuzwa n’ivyari vyashikiye Ababenyamini+, kuko Yehova yari yatumye imiryango ya Isirayeli icanamwo. 16 Abashingantahe bo muri iryo shengero bavuga bati: «Dukore iki ngo Ababenyamini basigaye tubaronse abagore, ko mu muryango wabo abagore bahonye?» 17 Bongerako bati: «Ababenyamini barokotse bakwiye kugumana intoranwa yabo kugira ngo ntihagire umuryango uzimangana muri Isirayeli. 18 Mugabo ntitwemerewe kubaha abakobwa bacu ngo bababere abagore, kuko Abisirayeli barahiye bati: “Aravumwe uwuzoha Umubenyamini umugore+.”»

19 Baca bavuga bati: «Buri mwaka haraba umusi mukuru wa Yehova i Shilo+, ahaherereye mu buraruko bwa Beteli no mu buseruko bw’ibarabara rikuru riva i Beteli riduga i Shekemu, no mu bumanuko bwa Lebona.» 20 Nuko bategeka Ababenyamini bati: «Nimugende mwinyegeze mu mirima y’imizabibu. 21 Nimwabona abakobwa b’i Shilo basohotse gutambira hamwe mu mizingi, muzoce munyeguruka muri ya mirima y’imizabibu hanyuma umwe wese acakire muri bo uwomubera umugore. Muzoheze musubire mu karere ka Benyamini. 22 Ba se canke basaza babo nibaza kutwitwarira, tuzoca tubabwira duti: “Nimutugirire imbabazi ku bw’abo Babenyamini, kubera ko umwe wese tutamuronkeye umugore biciye ku ntambara+. Kandi na mwebwe ntimwari kubaha abagore ngo mugende mudaharuweko ikosa+.”»

23 Ababenyamini bagira gutyo, umwumwe wese atwara umugore mu bakobwa bariko baratamba. Baraheza basubira aho batoranye bongera kwubaka ibisagara vyabo+, babibamwo.

24 Maze ico gihe Abisirayeli bava ng’aho, baratandukana, umwe wese asubira mu muryango avamwo no ku rugo iwe. Bava ng’aho baragenda, umwe wese asubira aho yatoranye.

25 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo abona* ko bigororotse.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika