Yobu
24 Kuki Mushoboravyose adashinga umusi w’urubanza+?
Kubera iki abamuzi batabona uwo musi?
5 Abakene barondera ivyo barya mu gahinga nk’indogobwa zo mw’ishamba+,
bakaronderera utwo kurya abana babo mu bugaragwa.
8 Imvura ibanyagira bari mu misozi,
bakikinga ibitandara kubera batagira aho bugama.
9 Ababisha bashikura impfuvyi* kw’ibere+.
Bafata impuzu z’abakene nk’ingwati+,
10 bigatuma bagenda bari gusa, ata gahuzu bambaye,
kandi bakikorera imiganda y’ivyo bimbuye bashonje.
12 Abari ku mpfiro baguma baborogera mu gisagara.
Abakomeretse cane baguma batabaza+,
ariko Imana nta co biyibwiye*.
14 Iyo bukeye umwicanyi arahaguruka,
akagandagura abatagira gitabara n’abakene+.
Mw’ijoro na ho aca atangura kwiba.
maze akitwikira mu maso.
16 Abasuma bamena amazu y’abandi mu mwijima,
bakiyugaranira mu mazu yabo ku murango.
Barazirana n’umuco w’umurango+.
17 Igitondo n’umwiza ni cokimwe kuri bo.
Baramenyereye ibitera ubwoba mu mwiza w’umuzitanya.
18 Ariko amazi ntateba kubakukumura.
Amatongo yabo yaravumwe+.
Ntibazogaruka mu mirima yabo y’imizabibu.
19 Kurya nyene uruzuba n’ubushuhe bituma urubura* rukamangana,
ni ko n’ukuzimu kuzimanganya abacumuye+.
20 Ababavyaye* bazobibagira; inyo zizobagirako umusi mukuru.
Nta wuzosubira kubibuka+.
Abanyakibi bazovunika nka kurya kw’igiti.
21 Batoteza umugore w’ingumba,
bagafata nabi umupfakazi.
22 Imana izorandura abanyenkomezi ikoresheje ububasha bwayo.
Naho botera imbere, nta cizigiro co kubaho bafise.
24 Bashirwa hejuru akanya gato hanyuma ntibabe bakiriho+.
Baracishwa bugufi+, bagapfa nk’abandi bose.
Bameze nk’amahundo y’ingano yaciwe.
25 Ni nde none yokwerekana ko ndi umubeshi
canke akampinyuza?»