Ni zaburi.
98 Nimuririmbire Yehova indirimbo nshasha+,
kuko yakoze ibintu bitangaje+.
Ukuryo kwiwe, ukuboko kwiwe kweranda, kwarokoye abantu biwe+.
2 Yehova yamenyekanishije ingene akiza+.
Yahishuriye amahanga ubugororotsi bwiwe+.
3 Yibutse ko yasezeranye gukunda inzu ya Isirayeli no kutayihemukira+.
Isi yose yiboneye ingene Imana yacu irokora abantu bayo+.
4 Nimuvugirize impundu Yehova, mwese ababa kw’isi!
Nimunezerwe, muvuze impundu kandi muririmbe amashemezo+.
5 Nimuririmbire amashemezo Yehova mukoresheje inanga,
mukoresheje inanga n’indirimbo ziryoheye ugutwi.
6 Nimwigine imbere y’Umwami Yehova,
mukoresheje inzumbete n’ijwi ry’inzamba+.
7 Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare.
Isi na yo nyene nituragare n’ibiri muri yo vyose.
8 Inzuzi nizikome amashi.
Imisozi yose hamwe niyihe akaruru k’umunezero+
9 imbere ya Yehova, kuko agira aze gucira imanza isi.
Azocira imanza isi mu bugororotsi+,
acire imanza amahanga mu butungane+.