Yesaya
16 Nimurungike impfizi y’intama ku mutware w’igihugu,
ive i Sela ice mu bugaragwa,
ije ku musozi w’umukobwa wa Siyoni.
2 Kurya kw’inyoni birukanye mu cari cayo+,
ni ko abakobwa b’i Mowabu bazomera bageze aho bajabukira uruzi Arunoni*+.
3 «Nimutange impanuro y’icokorwa, mushitse ingingo yafashwe.
Nimutume igitutu canyu ca sasita kimera nk’ijoro.
Nimuhishe abashwiragiye, kandi abariko barahunga ntimubafatishe.
4 Abantu banje bashwiragiye nibibere iwawe, ewe Mowabu!
Nubabere ubwihisho kubera uwubahonya+.
Uwucinyiza abandi azovaho,
agatikizo gahere,
n’abahonyanga abandi bazimangane kw’isi.
5 Intebe y’ubwami izoca ikomezwa biciye ku rukundo*.
Uwuzoyicarako azoba ari uwo mw’ihema rya Dawidi, kandi azoba umwizigirwa+.
Azoca imanza zitarenganya, yihutire gushitsa ibigororotse+.»
6 Twarumvise ubwishime bwa Mowabu. Arishima cane+.
Twarumvise ubwibone bwiwe, ubwishime bwiwe n’uburake bwiwe+.
Amajambo yiwe ata co amaze nta co azoshikako.
Abakubititse bazonihagira kubera ukwipfuza udukate dukozwe mu nzabibu zumye tw’i Kiri-Hareseti+.
8 Kuko imikobeko y’i Heshiboni+ ikabiranye
hamwe n’umuzabibu w’i Sibuma+.
Abatware b’amahanga bahonyanze amashami yawo atukuriye*.
Yari yasagaraye ashika i Yazeri+,
aragenda ashika no mu bugaragwa.
Imivyaro yawo yari yakuze ishika no ku kiyaga.
9 Ni co gituma nzoririra umuzabibu w’i Sibuma nk’uko ndirira Yazeri.
Ewe Heshiboni na Eleyale, nzobatotesha amosozi yanje+,
kuko akaruru k’umunezero k’abantu bawe bimbura intete n’abimbura ivyamwa vyo mu ci karangiye*.
10 Nta munezero n’akanyamuneza bikibarizwa mu murima w’ivyamwa,
kandi nta ndirimbo z’umunezero canke impundu bikirangwa mu mirima y’imizabibu+.
11 Ni co gituma mpinda nkajugumira mu nda kubera Mowabu+,
nka kurya kw’imirya y’inanga,
mu nda bikanka kubera Kiri-Hareseti+.
12 Naho Mowabu yoruhira mu kibanza co gusengeramwo*, akaja gusengera ahantu hiwe heranda, nta co azoshikako+.
13 Ivyo ni vyo Yehova yari yaravuze ku vyerekeye Mowabu. 14 Ubu na ho Yehova avuze ati: «Mu myaka itatu, imyaka iharuwe neza nk’uko umucangero ayiharura*, icubahiro ca Mowabu kizocika ibimaramare, habe intureka z’ubwoko bwose. Abazosigara bazoba bari ku rushi, ata co bavuze+.»