ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Ubundi butumwa bwo gucira urubanza Mowabu (1-14)

Yesaya 16:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku vyambu vya Arunoni.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 48:19
  • +Gh 21:13

Yesaya 16:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 48:8, 42

Yesaya 16:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku rukundo rudahemuka (rudahera).»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Sm 7:16, 17
  • +Zb 45:6; 72:1, 2; Yes 9:6, 7; 32:1; Yr 23:5

Yesaya 16:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 48:26, 29; Zf 2:9, 10
  • +Am 2:1

Yesaya 16:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 15:2; Yr 48:20
  • +2Bm 3:24, 25

Yesaya 16:8

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amashami yawo yikoreye inzabibu zitukura.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 13:15, 17
  • +Gh 32:37, 38; Yos 13:15, 19
  • +Yos 13:24, 25; Yr 48:32

Yesaya 16:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko akaruru k’intambara kaje ku vyamwa vyawe vyo mu ci no ku mwimbu wawe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 15:4; Yr 48:34

Yesaya 16:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «nta wukiganisha ibirenge.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 48:33
  • +Zf 2:9

Yesaya 16:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 15:5; Yr 48:36
  • +Yes 15:1

Yesaya 16:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu kibanza gitaramutse.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 48:7, 35

Yesaya 16:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe imyaka y’umucangero.» Ni ukuvuga mu myaka itatu itarenga ntirenguke.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 25:10; Yr 48:46, 47; Zf 2:9

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 16:2Yr 48:19
Yes. 16:2Gh 21:13
Yes. 16:4Yr 48:8, 42
Yes. 16:52Sm 7:16, 17
Yes. 16:5Zb 45:6; 72:1, 2; Yes 9:6, 7; 32:1; Yr 23:5
Yes. 16:6Yr 48:26, 29; Zf 2:9, 10
Yes. 16:6Am 2:1
Yes. 16:7Yes 15:2; Yr 48:20
Yes. 16:72Bm 3:24, 25
Yes. 16:8Yos 13:15, 17
Yes. 16:8Gh 32:37, 38; Yos 13:15, 19
Yes. 16:8Yos 13:24, 25; Yr 48:32
Yes. 16:9Yes 15:4; Yr 48:34
Yes. 16:10Yr 48:33
Yes. 16:10Zf 2:9
Yes. 16:11Yes 15:5; Yr 48:36
Yes. 16:11Yes 15:1
Yes. 16:12Yr 48:7, 35
Yes. 16:14Yes 25:10; Yr 48:46, 47; Zf 2:9
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 16:1-14

Yesaya

16 Nimurungike impfizi y’intama ku mutware w’igihugu,

ive i Sela ice mu bugaragwa,

ije ku musozi w’umukobwa wa Siyoni.

 2 Kurya kw’inyoni birukanye mu cari cayo+,

ni ko abakobwa b’i Mowabu bazomera bageze aho bajabukira uruzi Arunoni*+.

 3 «Nimutange impanuro y’icokorwa, mushitse ingingo yafashwe.

Nimutume igitutu canyu ca sasita kimera nk’ijoro.

Nimuhishe abashwiragiye, kandi abariko barahunga ntimubafatishe.

 4 Abantu banje bashwiragiye nibibere iwawe, ewe Mowabu!

Nubabere ubwihisho kubera uwubahonya+.

Uwucinyiza abandi azovaho,

agatikizo gahere,

n’abahonyanga abandi bazimangane kw’isi.

 5 Intebe y’ubwami izoca ikomezwa biciye ku rukundo*.

Uwuzoyicarako azoba ari uwo mw’ihema rya Dawidi, kandi azoba umwizigirwa+.

Azoca imanza zitarenganya, yihutire gushitsa ibigororotse+.»

 6 Twarumvise ubwishime bwa Mowabu. Arishima cane+.

Twarumvise ubwibone bwiwe, ubwishime bwiwe n’uburake bwiwe+.

Amajambo yiwe ata co amaze nta co azoshikako.

 7 Mowabu azoborogera Mowabu.

Bose bazoboroga+.

Abakubititse bazonihagira kubera ukwipfuza udukate dukozwe mu nzabibu zumye tw’i Kiri-Hareseti+.

 8 Kuko imikobeko y’i Heshiboni+ ikabiranye

hamwe n’umuzabibu w’i Sibuma+.

Abatware b’amahanga bahonyanze amashami yawo atukuriye*.

Yari yasagaraye ashika i Yazeri+,

aragenda ashika no mu bugaragwa.

Imivyaro yawo yari yakuze ishika no ku kiyaga.

 9 Ni co gituma nzoririra umuzabibu w’i Sibuma nk’uko ndirira Yazeri.

Ewe Heshiboni na Eleyale, nzobatotesha amosozi yanje+,

kuko akaruru k’umunezero k’abantu bawe bimbura intete n’abimbura ivyamwa vyo mu ci karangiye*.

10 Nta munezero n’akanyamuneza bikibarizwa mu murima w’ivyamwa,

kandi nta ndirimbo z’umunezero canke impundu bikirangwa mu mirima y’imizabibu+.

Nta wukiganira* umuvinyu mu nganiro,

kuko impundu nazihagaritse+.

11 Ni co gituma mpinda nkajugumira mu nda kubera Mowabu+,

nka kurya kw’imirya y’inanga,

mu nda bikanka kubera Kiri-Hareseti+.

12 Naho Mowabu yoruhira mu kibanza co gusengeramwo*, akaja gusengera ahantu hiwe heranda, nta co azoshikako+.

13 Ivyo ni vyo Yehova yari yaravuze ku vyerekeye Mowabu. 14 Ubu na ho Yehova avuze ati: «Mu myaka itatu, imyaka iharuwe neza nk’uko umucangero ayiharura*, icubahiro ca Mowabu kizocika ibimaramare, habe intureka z’ubwoko bwose. Abazosigara bazoba bari ku rushi, ata co bavuze+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika