Yesaya
23 Ng’ubu ubutumwa bwerekeye Tiro+:
Nimuboroge mwa mato* y’i Tarushishi+
kuko ikivuko catikijwe. Nta wushobora kwinjirayo.
Iyo nkuru bayumvise ivuye mu gihugu ca Kitimu+.
2 Nimucereze yemwe ababa mu gihugu co ku nkengera y’amazi.
Abadandaza b’i Sidoni+ bajabuka ikiyaga batumye wuzura ubutunzi.
3 Intete* z’i Shihori*+ n’umwimbu wa Nili, wo nyungu yawe,
vyajabutse amazi menshi
bizana inyungu y’amahanga+.
4 Maramara Sidoni we, wa gisagara gikomeye cubatswe ku kiyaga,
kubera ko ikiyaga cavuze giti:
5 Kurya vyagenze igihe abantu bumva ivyashikiye Misiri+,
ni ko bazogira agahinda nibumva ivyashikiye Tiro+.
6 Nimujabuke i Tarushishi.
Nimuboroge, yemwe ababa mu gihugu co ku nkengera y’amazi!
7 Mbega iki ni ca gisagara canyu camye cigina kuva kera, kuva kigitangura kubaho?
Ibirenge vyaco vyahora bigishikana mu bihugu vya kure ngo cibereyo.
8 Ni nde yafatiye iyo ngingo Tiro,
ca gisagara cagena abategetsi*,
abadandaza baco bakaba bari abatware,
abacuruza baco bakaba bari abantu bubahwa kw’isi yose+?
9 Yehova Nyeningabo ubwiwe ni we yafashe iyo ngingo,
kugira ngo ahumanye ubwishime Tiro aterwa n’ubwiza bwiwe bwose,
kugira ngo acishe bugufi abo bose bahora bubahwa kw’isi yose+.
10 Jabuka igihugu cawe nk’uruzi Nili, ewe mukobwa w’i Tarushishi!
Nta kibanza co gukoreramwo amato* kikiriho*+.
11 Imana yaramvuye ukuboko hejuru y’ikiyaga.
Yanyiganyije ubwami butandukanye.
Yehova yategetse ko ibibanza bikomeye vy’i Fenisiya bisenyagurwa+.
Haguruka ujabuke ushike i Kitimu+.
Na ho nyene nta karuhuko uzoharonkera.»
13 Raba igihugu c’Abakaludaya+.
Ni bo bahagize ahantu ibikoko vyo mu bugaragwa biba.
Ni abo, si Abashuri+.
Bubatse iminara yo kuhatera,
basenyurira hasi iminara yaho ikomeye+,
hasigara ari ibihomvagurike gusa.
15 Kuri uwo musi Tiro izoca imara imyaka 70+ yaribagiwe, imyaka ingana n’iyo umwami umwe abaho*. Iyo myaka 70 niyahera, Tiro bizoyigendera nk’umumaraya avugwa muri iyi ndirimbo:
16 «Ewe mumaraya yibagiwe, tora inanga uzunguruke igisagara!
Koresha ubuhinga bwawe uyivuze.
Ririmba indirimbo nyinshi
urabe ko bokwibuka.»
17 Imyaka 70 niyahera, Yehova azokwitaho ivya Tiro, isubire guca ingero, ikorane ubumaraya n’ubwami bwose bwo mw’isi. 18 Ariko inyungu Tiro izoronka n’ingero izoca bizocika ikintu ceranda kuri Yehova. Ntibizorundanywa canke ngo bibikwe, kuko ingero yayo izoba iy’ababa imbere ya Yehova, kugira ngo barye bahage, bambare baberwe+.