ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yeremiya 47
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yeremiya: ibirimwo

      • Ubuhanuzi bujanye n’Abafilisitiya (1-7)

Yeremiya 47:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 25:17, 20; Ezk 25:15, 16; Am 1:6; Zf 2:4; Zk 9:5, 6

Yeremiya 47:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hitwa kandi Kirete.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 25:17, 20; Am 1:8; Zf 2:5
  • +Ezk 26:2; Am 1:9, 10
  • +Yes 23:1, 4; Yr 25:17, 22; 27:2, 3; Ezk 28:21; Yw 3:4
  • +It 10:13, 14; Gus 2:23

Yeremiya 47:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Bisigura ko bazomwa umushatsi kubera ikigandaro n’ibimaramare.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zf 2:4
  • +Gus 14:1; Yr 16:6

Yeremiya 47:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 32:41

Yeremiya 47:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 25:16

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yer. 47:1Yr 25:17, 20; Ezk 25:15, 16; Am 1:6; Zf 2:4; Zk 9:5, 6
Yer. 47:4Yr 25:17, 20; Am 1:8; Zf 2:5
Yer. 47:4Ezk 26:2; Am 1:9, 10
Yer. 47:4Yes 23:1, 4; Yr 25:17, 22; 27:2, 3; Ezk 28:21; Yw 3:4
Yer. 47:4It 10:13, 14; Gus 2:23
Yer. 47:5Zf 2:4
Yer. 47:5Gus 14:1; Yr 16:6
Yer. 47:6Gus 32:41
Yer. 47:7Ezk 25:16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yeremiya 47:1-7

Yeremiya

47 Yehova yaravuganye n’umuhanuzi Yeremiya ku bijanye n’Abafilisitiya+, imbere y’uko Farawo atikiza Gaza. 2 Yehova avuze ati:

«Ehe amazi araje avuye mu buraruko.

Azogwira abe uruzi rwuzuye.

Azokwuzura ahitane igihugu n’ibiri muri co vyose,

igisagara n’abakibamwo.

Abagabo bazokoma induru,

ababa mu gihugu bose baboroge.

 3 Ba sebibondo nibumva ukudida ibinono kw’impfizi z’amafarasi y’umwansi,

urwamo rw’imikogote yiwe y’intambara

n’uguhinda kw’amapine yiwe,

ntibazonahindukira kuraba abana babo

kubera ugucika inkokora,

 4 kuko umusi uriko uraza uzohonya Abafilisitiya bose+.

Uzorandura i Tiro+ n’i Sidoni+ abari basigaye bahora babafasha.

Kuko Yehova azohonya Abafilisitiya

basigaye mu bavuye mw’izinga rya Kafutori*+.

 5 Gaza izogira ubuhanza*.

Ashikeloni yanumijwe+.

Yemwe masigarira yo mu kiyaya caho,

muzogeza ryari kwikebagura+?

 6 Ewe wa nkota ya Yehova+!

Uzogeza ryari kutaguma hamwe?

Subira mu rwubati*.

Ruhuka ucereze.

 7 Yoguma hamwe gute

kandi Yehova yayihaye itegeko?

Yayishinze igikorwa co kurwanya

Ashikeloni n’inkengera y’ikiyaga+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika