Yeremiya
48 Ku bijanye na Mowabu+, Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati:
«I Nebo+ haragowe, kuko hatikijwe!
I Kiriyatayimu+ hateterejwe harafatwa.
Ubuhungiro butekanye* bwateterejwe buramenagurwa+.
2 Mowabu ntigishemagizwa.
Abansi bateguye ivyo kuhatembagaza bari i Heshiboni+, bati:
“Nimuze tuhazimanganye, hareke kuba ihanga.”
Na wewe Madumeni nucereze,
kuko inkota iri inyuma yawe.
4 Mowabu yasenyutse.
Abana baho batoyi bariko baraboroga.
5 Baduga umudugo w’i Luhiti barira.
Ku nzira imanuka ivuye i Horonayimu humvikana ababoroga kubera ivyo vyago+.
6 Nimuhunge, munyage amagara.
Nimube nk’igiti c’umuberoshi kiri mu gahinga.
7 Kubera ko wizigira ibikorwa vyawe n’amatunga yawe,
na wewe uzofatwa.
Kandi imana Kemoshi+ izojanwa mu bunyagano,
ijane n’abaherezi bayo n’abatware bayikorera.
Ikiyaya kizohona,
akarere gashashe* na ko kazimanganywe, nk’uko Yehova yabivuze.
9 Nimushingire Mowabu ikimenyetso ku nzira,
kuko nihasenyuka, abaho bazohunga,
ibisagara vyaho bicike akajoreza,
ata n’uwubibamwo+.
10 Arakavumwa uwukora igikorwa ca Yehova n’urwangara!
Arakavumwa uwima inkota yiwe amaraso!
Ntibacuranuwe ngo bakurwe mu combo kimwe bashirwe mu kindi,
kandi ntibigeze baja mu bunyagano.
Ni co gituma akanovera kabo kagumye ari ka kandi,
n’akamoto kabo ntikahinduka.
12 “Ku bw’ivyo mu misi iri mbere”, ni ko Yehova avuze, “nzorungika ababacuranguza. Bazobacurika bacuranure ivyombo vyabo, basavye n’imibindi yabo minini. 13 Kandi Abanyamowabu bazomaramazwa na Kemoshi, nk’uko Abisirayeli bamaramajwe na Beteli bari bizeye+.
14 Mwubahuka gute kuvuga ngo: ‘Turi abarwanyi b’intwari biteguriye urugamba+’?”
ni ko Umwami yitwa Yehova Nyeningabo+ avuze.
17 Abari irya n’ino yabo bose bazosangira na bo umubabaro vy’ukuri,
abo bose bazi izina ryabo.
Nimubabwire muti: “Ewe kuntu ya nkoni ikomeye ivunywe, ca kibando c’ubwiza!”
18 Manuka uve mu cubahiro wari ufise,
wicare unyotewe*, ewe mukobwa uba i Diboni+,
kuko uwuhonya Mowabu aje kugutera.
Azosambura ibibanza vyawe bikingijwe ibihome+.
19 Hagarara iruhande y’ibarabara witegereze, wewe uba i Aroweri+.
Baza umugabo ariko arahunga n’umugore ayanyaze, uti: “Habaye iki?”
20 Mowabu yamaramaye kandi yarandutse umutima.
Nimuboroge, musemerere.
Nimutangaze i Arunoni+ yuko Mowabu yatikijwe.
21 Imana yaciriye urubanza akarere gashashe*+, Holoni, Yahazi+, Mefati+, 22 Diboni+, Nebo+, Beti-Dibulatayimu, 23 Kiriyatayimu+, Beti-Gamuli, Beti-Meyoni+, 24 Keriyoti+, Bozira n’ibisagara vyose vyo mu gihugu ca Mowabu, ivya kure n’ivya hafi.
26 “Nimumuboreze+, kuko yihambaje kuri Yehova+.
Mowabu yikumbagaza mu bidahwe vyiwe,
kandi asigaye ari akamenyo.
27 Mbega Isirayeli ntiyari akamenyo kuri wewe+?
None wasanze ari umusuma
ko wazunza umutwe ukamuvuga nabi?
28 Yemwe ababa i Mowabu, nimuve mu bisagara muje kuba ku rutare,
mube nk’inuma yubaka icari cayo ku manga.”»
29 «Twarumvise ubwishime bwa Mowabu: aribona cane.
Twarumvise ukwiyemera kwiwe, ubwishime bwiwe, ubwibone bwiwe n’ukwishira hejuru kw’umutima wiwe+.»
30 «“Ndazi uburake bwiwe,
mugabo amajambo yiwe ata co amaze nta co azovamwo.
Nta co bazoshikako”, ni ko Yehova avuze.
Imivyaro yawe itagase yajabutse ikiyaga.
Yashitse ku kiyaga, ishika i Yazeri.
Uwuhonya yamanukiye
ivyamwa vyawe vyera mu ci n’umwimbu wawe w’inzabibu+.
Ntumye umuvinyu utaba ukiboneka mu nganiro z’umuvinyu.
Nta n’umwe azogana* yiha akaruru k’umunezero+.
Hazoba akaruru k’ubundi bwoko.”»
34 «“Humvikana induru kuva i Heshiboni+ gushika i Eleyale+.
N’amazi y’i Nimurimu azokama+.
35 Nzotuma i Mowabu hadasubira kuboneka
uwujana ishikanwa mu kibanza co gusengeramwo*
n’uwushikanira ibimazi imana yiwe”, ni ko Yehova avuze.
36 “Ni co gituma umutima wanje uzocura intimba* nk’umwironge* kubera Mowabu+.
Kandi umutima wanje uzocura intimba* nk’umwironge* kubera abagabo b’i Kiri-Heresi.
Kuko itunga yaronse rizoyogera.
Kuko namenaguye Mowabu nk’umubindi bataye”,
ni ko Yehova avuze.
39 “Ewe kuntu Mowabu yarandutse umutima! Nimuboroge!
Ewe kuntu yahindukije umugongo kubera ibimaramare.
Mowabu isigaye ari akamenyo,
ikintu giteye ubwoba ku bayikikuje bose.”»
40 «Kuko Yehova avuze ati:
41 Ibisagara bizofatwa,
n’ibibanza vyiwe bikomeye vyigarurirwe.
Kuri uwo musi, umutima w’abarwanyi b’i Mowabu
uzomera nk’umutima w’umugore ariko aribaruka.”»
43 Ubwoba, ikinogo n’umutego biri imbere yawe,
ewe muntu uba i Mowabu”, ni ko Yehova avuze.
44 “Uwo wese azohunga kubera ubwoba azogwa mu kinogo,
uwuzova mu kinogo na we afatwe n’umutego.”
“Kuko nzohana Mowabu umwaka nashinze niwashika”, ni ko Yehova avuze.
45 “Abariko barahunga bahagaze mu gitutu c’i Heshiboni ata nkomezi bafise.
Kuko hari umuriro uzova i Heshiboni,
urubeya rukava hagati muri Sihoni+.
Uzorigata uruhanga rwa Mowabu
n’agahanga k’abarwanyi bakunda intambara+.”
46 “Uragowe Mowabu we!
Abantu basenga Kemoshi+ bayogeye.
Kuko abahungu bawe batwawe ari imbohe,
n’abakobwa bawe batwarwa mu bunyagano+.
47 Mugabo mu misi y’iherezo, nzokoranya abantu b’i Mowabu bagizwe imbohe”, ni ko Yehova avuze.
“Urubanza rwa Mowabu rugarukiye aha+.”»