Ezekiyeli
30 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, vuga ubuhanuzi uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati:
‘Nimuboroge muti: “Turagowe, wa musi ugira ushike!”
3 Kuko uwo musi uri hafi, emwe, umusi wa Yehova uri hafi+.
Uzoba ari umusi w’ibicu+, igihe cashinzwe co gucira urubanza amahanga+.
4 Inkota izotera Misiri. Etiyopiya izotekerwa n’ubwoba abantu nibicwa bakagwa mu Misiri.
Ubutunzi bwa Misiri buratwawe, n’imishinge yaho irasambuwe+.
5 Etiyopiya+, Puti+, Ludi n’abantu bose batandukanye*,
Kubi n’abantu bo mu gihugu kiri mw’isezerano*,
bose bazokwicishwa inkota.’”
6 Yehova avuze ati:
“Abashigikiye Misiri na bo nyene bazogwa,
n’ububasha butuma yihambaza bushirwe hasi+.”
“Kuva i Migidoli+ gushika i Siyene+ bazokwicishwa inkota mu gihugu”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 7 “Bazoba akahebwe kuruta ibindi bihugu, ibisagara vyaho bitikizwe kuruta ibindi bisagara+. 8 Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova ninadomeka umuriro mu Misiri, n’abayishigikiye bose bakajanjagurwa. 9 Kuri uwo musi, nzorungika intumwa mu mato* zijugumize Etiyopiya yiyemera. Abaho bazotekerwa n’ubwoba ku musi ugira ushikire Misiri, kuko utegerezwa gushika.”
10 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nzozimanganya amasinzi ya Misiri biciye kuri Nebukadinezari* umwami wa Babiloni+. 11 We n’ingabo ziwe, bamwe bakaze kuruta abo mu yandi mahanga+, bazozanwa kugira batikize igihugu. Bazosokora inkota zabo batere Misiri, ico gihugu bacuzuzemwo abishwe+. 12 Imigende ya Nili+ nzotuma iba ahantu humye, igihugu ndakigurishe ku bantu b’ababisha. Nzotikiza igihugu n’ibiri muri co vyose biciye ku banyamahanga+. Jewe Yehova ndavuze.”
13 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Nzotikiza n’ibigirwamana bisesemye*, nzimanganye imana ata co zimaze z’i Nofu*+. Nta mukuru* ava mu gihugu ca Misiri azoba akiboneka, kandi nzotuma mu gihugu ca Misiri bagira ubwoba+. 14 Nzotikiza Patirosi+, ndomeke umuriro i Zowani, nshitse urubanza naciriye No*+. 15 Nzosuka uburake bwanje kuri Sini, ikibanza gikomeye ca Misiri, mponye ababa mu gisagara ca No. 16 Nzodomeka umuriro mu Misiri. Sini izotekerwa n’ubwoba, igisagara ca No kimenwe, i Nofu* na ho haterwe ku murango izuba riva. 17 Abasore b’i Oni* n’i Pibeseti bazokwicishwa inkota, abo muri ivyo bisagara bajanwe kugirwa imbohe. 18 I Tahapanesi umurango uzohinduka umwiza ninavunirayo ibiti vyo kwikoreza imizigo* vya Misiri+. Ububasha butuma yihambaza buzohera+ atwikirwe n’ibicu, abo mu bisagara vyaho bajanwe kugirwa imbohe+. 19 Nzoshitsa urubanza naciriye Misiri, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»
20 Nuko mu mwaka ugira 11, mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira indwi w’ukwo kwezi, Yehova ambwira ati: 21 «Mwana w’umuntu, navunye ukuboko kwa Farawo umwami wa Misiri. Ntikuzotubikwa kugira ngo gukire, canke ngo bakuzingireko igitambara ngo gukomere ku buryo gufata inkota.»
22 «Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ehe ngira ndwanye Farawo umwami wa Misiri+, ndamuvune amaboko, ugukomeye n’ukwavunitse+, ntume inkota ikoroka ive mu kuboko kwiwe+. 23 Ico gihe nzosanzaza Abanyamisiri mu mahanga, ndabashwiragize mu bihugu+. 24 Nzokomeza amaboko* y’umwami wa Babiloni+, nshire inkota yanje mu kuboko kwiwe+, mvune amaboko ya Farawo. Farawo azoborogera cane imbere yiwe* nk’umuntu ari ku mpfiro. 25 Nzokomeza amaboko y’umwami wa Babiloni, mugabo amaboko ya Farawo azoregarega. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova, ninashira inkota yanje mu kuboko kw’umwami wa Babiloni, na we akayibangurira igihugu ca Misiri+. 26 Nzosanzaza Abanyamisiri mu mahanga, ndabashwiragize mu bihugu+, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»