Ezekiyeli
35 Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, hindukira urabe akarere k’imisozi ka Seyiri+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizohashikira+. 3 Uhabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira ndakurwanye, wa karere k’imisozi ka Seyiri. Nzoramvura ukuboko kwanje ndakurwanye, ndakugire umusaka+. 4 Nzotikiza ibisagara vyawe, usigare uri umusaka+. Kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova. 5 Kuko wagize urwanko rudahera+, utanga Abisirayeli ngo bicishwe inkota ca gihe bari mu vyago, igihe bahanwa irya nyuma+.’”
6 “Ndirahiye rero jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nzogutegurira gupfa*, kandi urupfu ruzogukurikirana+. Ko wanse amaraso, urupfu ruzogukurikirana+. 7 Akarere k’imisozi ka Seyiri nzokagira umusaka+, kandi nzoharandura abacayo bose n’abagarukayo bose. 8 Imisozi yaho nzoyuzuza ibiziga, kandi abicishijwe inkota bazogwa ku mirambi yawe, mu mibande yawe no mu migezi yawe yose. 9 Nzogutikiza ugume uri umusaka, kandi ibisagara vyawe nta wuzobibamwo+. Kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”
10 Ko wavuze ngo: “Aya mahanga abiri n’ibi bihugu bibiri bizoba rwanje, kandi nzovyigarurira vyompi+”, kandi Yehova ubwiwe yari ng’aho, 11 “ndirahiye rero jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nzogukorera ibihwanye n’ishavu be n’ishari werekanye kubera urwanko wari ufitiye abantu banje+. Nzokwimenyekanisha muri bo ninagucira urubanza. 12 Uzoheza rero umenye vy’ukuri yuko jewe Yehova numvise amajambo yose y’ukutisonera wavuze ku vyerekeye imisozi ya Isirayeli, igihe wavuga ngo: ‘Yagizwe umusaka. Twarayihawe ngo tuyirotse*.’ 13 Mwaramvuze nabi mubigiranye ubwibone, mugwiza amajambo yo kuntuka+. Vyose naravyumvise.”
14 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Igihe nzokugira umusaka, isi yose izonezerwa. 15 Ko wanezerewe igihe intoranwa y’Abisirayeli yacika umusaka, nawe ni ko nzokugira+. Nzogutikiza usigare uri umusaka, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose+. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»