ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 46
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Amashikanwa yo mu bihe bimwebimwe (1-15)

      • Intoranwa umukuru atanga kw’itongo ryiwe (16-18)

      • Aho batekera amashikanwa (19-24)

Ezekiyeli 46:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:32
  • +Ezk 44:1, 2
  • +Kv 20:9

Ezekiyeli 46:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 44:3

Ezekiyeli 46:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 81:3; Yes 66:23

Ezekiyeli 46:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:9, 10; Ezk 45:17

Ezekiyeli 46:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 46:11

Ezekiyeli 46:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 28:11-15

Ezekiyeli 46:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 46:2

Ezekiyeli 46:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:14; Gus 16:16
  • +Ezk 40:20
  • +Ezk 40:24

Ezekiyeli 46:10

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 24

Ezekiyeli 46:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 45:21, 24; 46:6, 7

Ezekiyeli 46:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 1:3
  • +Ezk 45:17
  • +Ezk 46:1, 2

Ezekiyeli 46:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:38; Gh 28:3, 5

Ezekiyeli 46:17

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 25:10

Ezekiyeli 46:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku vyumba vyeranda.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 42:9
  • +Ezk 42:1

Ezekiyeli 46:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bazokwokereza.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «bakeza abantu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 2:4, 5
  • +Ezk 44:19

Ezekiyeli 46:22

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Canke «uko ari bine n’ukuntu vyubatse mu mfuruka vyarangana.»

Ezekiyeli 46:23

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imirongo.»

Ezekiyeli 46:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 35:13

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 46:1Ezk 40:32
Ezk. 46:1Ezk 44:1, 2
Ezk. 46:1Kv 20:9
Ezk. 46:2Ezk 44:3
Ezk. 46:3Zb 81:3; Yes 66:23
Ezk. 46:4Gh 28:9, 10; Ezk 45:17
Ezk. 46:5Ezk 46:11
Ezk. 46:6Gh 28:11-15
Ezk. 46:8Ezk 46:2
Ezk. 46:9Kv 23:14; Gus 16:16
Ezk. 46:9Ezk 40:20
Ezk. 46:9Ezk 40:24
Ezk. 46:11Ezk 45:21, 24; 46:6, 7
Ezk. 46:12Lw 1:3
Ezk. 46:12Ezk 45:17
Ezk. 46:12Ezk 46:1, 2
Ezk. 46:13Kv 29:38; Gh 28:3, 5
Ezk. 46:17Lw 25:10
Ezk. 46:19Ezk 42:9
Ezk. 46:19Ezk 42:1
Ezk. 46:20Lw 2:4, 5
Ezk. 46:20Ezk 44:19
Ezk. 46:242Ng 35:13
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 46:1-24

Ezekiyeli

46 «Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Irembo ry’ikigo c’indani riraba mu buseruko+ rize rigume ryugaye+ mu misi itandatu y’ibikorwa+. Mugabo rize ryugururwe ku musi w’isabato no ku musi w’imboneko y’ukwezi. 2 Umukuru aze yinjire avuye hanze aciye mw’ibaraza ry’iryo rembo+, maze ahagarare iruhande y’igishimaryango c’iryo rembo. Abaherezi baze batange ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vyo gusangira. Aze yuname ku bwinjiriro bw’iryo rembo, hanyuma asohoke. Mugabo iryo rembo ntirize ryugarwe butaragoroba. 3 Abanyagihugu na bo nyene baze buname imbere ya Yehova kw’ishikiro ry’iryo rembo, ku masabato no ku mboneko z’ukwezi+.

4 Ishikanwa riturirwa uko ryakabaye umukuru azoshikiriza Yehova ku musi w’isabato, rikwiye kuba rigizwe n’imyagazi y’intama itandatu y’amasuguru itagira agahonzi be n’impfizi y’intama itagira agahonzi+. 5 Ishikanwa ry’intete azotanga rizoba ari ingero imwe ya efa* ijāna n’iyo mpfizi y’intama, n’ibindi ashoboye gutanga bijana n’iyo myagazi y’intama y’amasuguru. Azobitangana n’ingero imwe ya hini* y’amavuta kuri efa imwimwe+. 6 Ku musi w’imboneko y’ukwezi, haze hatangwe ishikanwa rigizwe n’ishuri yo mu busho itagira agahonzi, imyagazi y’intama itandatu y’amasuguru n’impfizi y’intama. Bizobe bitagira agahonzi+. 7 Ishikanwa ry’intete azotanga rizoba ari ingero imwe ya efa ijāna n’iyo shuri, ingero imwe ya efa ijāna n’iyo mpfizi y’intama, n’ibindi ashoboye gutanga bijana n’iyo myagazi y’intama y’amasuguru. Azotanga n’ingero imwe ya hini y’amavuta kuri efa imwimwe.

8 Umukuru niyinjira, aze ace mw’ibaraza ry’irembo, no mu gusohoka ace aho nyene+. 9 Abanyagihugu nibaza imbere ya Yehova mu biringo vy’imisi mikuru+, abaje gusenga baciye mw’irembo ryo mu buraruko+ baze basohokane mu ryo mu bumanuko+, abinjiranye mw’irembo ryo mu bumanuko na bo basohokane mu ryo mu buraruko. Nta wuzosubira inyuma aciye mw’irembo yinjiranyemwo. Akwiye gusohokana mw’irembo rirabana n’iryo yinjiranyemwo. 10 Nayo umukuru ari hagati muri bo, nibinjira na we aze yinjire, basohotse na we asohoke. 11 Ku musi mukuru no mu biringo vy’imisi mikuru, ishikanwa ry’intete azotanga rizoba ari ingero imwe ya efa ijāna n’ishuri, ingero imwe ya efa ijāna n’impfizi y’intama n’ibindi ashoboye gutanga bijana n’imyagazi y’intama y’amasuguru. Azobitangana n’ingero imwe ya hini y’amavuta kuri efa imwimwe+.

12 Umukuru niyazana ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+ canke ibimazi vyo gusangira ngo bibe ishikanwa umuntu aha Yehova avyishakiye, aze yugururirwe rya rembo riraba mu buseruko. Aze atange ishikanwa ryiwe riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyiwe vyo gusangira nk’uko abigira ku musi w’isabato+. Amaze gusohoka, iryo rembo rizoce ryugarwa+.

13 Buri musi, uze uzane umwagazi w’intama w’isuguru utagira agahonzi utarenza umwaka umwe, ngo ube ishikanwa riturirwa uko ryakabaye rihabwa Yehova+. Uze ubikore buri gitondo. 14 Uze urizanane n’ica gatandatu c’ingero ya efa buri gitondo ngo ribe ishikanwa ry’intete, be n’ica gatatu c’ingero ya hini y’amavuta yo kumijagira kw’ifu inoze nk’ishikanwa ry’intete ryama rihabwa Yehova. Ico ni icagezwe camaho. 15 Baze bazane umwagazi w’intama w’isuguru n’ishikanwa ry’intete be n’amavuta buri gitondo, bibe ishikanwa riturirwa uko ryakabaye ryama ritangwa.”

16 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Umukuru niyagabira amatongo abana biwe ngo abe intoranwa yabo, azoca abegukira. Azoba ari amatongo abegukira kuko bayatoranye. 17 Ariko niyagabira umwe mu basuku biwe itongo rivuye ku ntoranwa yiwe, rizoba iry’uwo musuku gushika mu mwaka w’ukwidegemvya+. Rizoheza risubire kuba iry’uwo mukuru. Intoranwa y’abana biwe ni yo gusa izoguma ari rwabo. 18 Umukuru ntaze yomore abanyagihugu mu matongo yabo, ngo agire ico atwara ku ntoranwa yabo. Aze ahe abana biwe intoranwa ivuye kw’itongo ryiwe, kugira ngo ntihagire n’umwe mu bantu banje yomorwa mw’itongo ryiwe.”»

19 Araheza aranyinjiza ancishije mu bwinjiriro+ bwari iruhande y’irembo rija ku bibanza vyeranda vy’uburiro* vy’abaherezi vyaraba mu buraruko+. Ndahageze mbona ikibanza kiri inyuma amaja mu burengero. 20 Ambwira ati: «Iki ni co kibanza abaherezi bazotekeramwo ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha be n’ishikanwa ry’igicumuro, kandi ni ho bazokarangira* ishikanwa ry’intete+. Ni ukugira ngo ntihagire ikintu na kimwe batwara hanze mu kigo c’inyuma, bagatuma abantu baba beranda*+.»

21 Araheza aransohora anzana mu kigo c’inyuma, ancisha hafi y’imfuruka zine z’ico kigo, maze mu mfuruka zose z’ikigo c’inyuma ndahabona ibindi bigo. 22 Mu mfuruka zine z’ico kigo hari ibigo bitobito vy’uburebure bw’intambwe* 40 n’ubwaguke bw’intambwe 30. Vyose uko ari bine vyarangana*. 23 Muri ivyo bigo bine hari uduhome* irya n’ino, munsi yatwo hakaba hari hubatse ibibanza vyo gutekeramwo amashikanwa. 24 Maze ambwira ati: «Izi ni zo nzu abasuku b’urusengero batekeramwo ibimazi abantu bazanye+.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika