ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 45
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Intererano nyeranda n’igisagara (1-6)

      • Umugabane w’umukuru (7, 8)

      • Abakuru bakwiye kuvugisha ukuri (9-12)

      • Intererano z’abanyagihugu n’umukuru (13-25)

Ezekiyeli 45:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Canke «uzoba ari umugabane mweranda mu mbibe zawo zose.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 14:1, 2; Ezk 47:21, 22
  • +Ezk 48:20
  • +Ezk 48:8, 9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 19, 26

Ezekiyeli 45:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ca 500 ku 500.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 42:20
  • +Yos 21:1, 2

Ezekiyeli 45:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 48:10, 11
  • +Ezk 40:46

Ezekiyeli 45:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ivyumba 20.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 48:13
  • +Ezk 40:17

Ezekiyeli 45:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 48:15

Ezekiyeli 45:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 48:21

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2007, rup. 11

    1/3/1999, rup. 19, 26

Ezekiyeli 45:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 32:1; 60:17; Yr 22:17; 23:5; Ezk 22:27; 46:18; Mik 3:1-3
  • +Yos 11:23

Ezekiyeli 45:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 22:3; Mik 6:8; Zk 8:16
  • +Mik 2:2

Ezekiyeli 45:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 19:36; Img 11:1; Am 8:5; Mik 6:10, 11

Ezekiyeli 45:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

Ezekiyeli 45:12

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Canke «mina.» Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 30:13

Ezekiyeli 45:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Ezekiyeli 45:15

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 2:1
  • +Lw 1:10
  • +Lw 3:1
  • +Lw 1:4; 6:30; Heb 9:22

Ezekiyeli 45:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 30:14

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2010, rup. 26

    1/3/1999, rup. 19

Ezekiyeli 45:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «batangirwe impongano.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 16:2; 2Ng 30:24
  • +1Bm 8:64
  • +2Ng 35:7
  • +Yes 66:23
  • +Gus 16:16; 2Ng 8:12, 13; 31:3

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    15/3/2010, rup. 26

Ezekiyeli 45:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 16:16

Ezekiyeli 45:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «za wa muhiro.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 41:21

Ezekiyeli 45:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:27, 28
  • +Lw 16:20

Ezekiyeli 45:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 23:5
  • +Kv 12:18

Ezekiyeli 45:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:13, 14

Ezekiyeli 45:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 23:8

Ezekiyeli 45:24

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Inyongera ya B14.

Ezekiyeli 45:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 23:34; Gus 16:13; 2Ng 7:8; Zk 14:16

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 45:1Yos 14:1, 2; Ezk 47:21, 22
Ezk. 45:1Ezk 48:20
Ezk. 45:1Ezk 48:8, 9
Ezk. 45:2Ezk 42:20
Ezk. 45:2Yos 21:1, 2
Ezk. 45:4Ezk 48:10, 11
Ezk. 45:4Ezk 40:46
Ezk. 45:5Ezk 48:13
Ezk. 45:5Ezk 40:17
Ezk. 45:6Ezk 48:15
Ezk. 45:7Ezk 48:21
Ezk. 45:8Yes 32:1; 60:17; Yr 22:17; 23:5; Ezk 22:27; 46:18; Mik 3:1-3
Ezk. 45:8Yos 11:23
Ezk. 45:9Yr 22:3; Mik 6:8; Zk 8:16
Ezk. 45:9Mik 2:2
Ezk. 45:10Lw 19:36; Img 11:1; Am 8:5; Mik 6:10, 11
Ezk. 45:12Kv 30:13
Ezk. 45:15Lw 2:1
Ezk. 45:15Lw 1:10
Ezk. 45:15Lw 3:1
Ezk. 45:15Lw 1:4; 6:30; Heb 9:22
Ezk. 45:16Kv 30:14
Ezk. 45:171Ng 16:2; 2Ng 30:24
Ezk. 45:171Bm 8:64
Ezk. 45:172Ng 35:7
Ezk. 45:17Yes 66:23
Ezk. 45:17Gus 16:16; 2Ng 8:12, 13; 31:3
Ezk. 45:18Lw 16:16
Ezk. 45:19Ezk 41:21
Ezk. 45:20Lw 4:27, 28
Ezk. 45:20Lw 16:20
Ezk. 45:21Lw 23:5
Ezk. 45:21Kv 12:18
Ezk. 45:22Lw 4:13, 14
Ezk. 45:23Lw 23:8
Ezk. 45:25Lw 23:34; Gus 16:13; 2Ng 7:8; Zk 14:16
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 45:1-25

Ezekiyeli

45 “Nimwagabanganya igihugu ngo kibe intoranwa+, muze muhe Yehova intererano y’umugabane mweranda mukuye ku gihugu+. Uburebure bwawo buze bube intambwe* 25.000, ubwaguke na bwo intambwe 10.000+. Ico gice cose kizoba ari umugabane mweranda*. 2 Muri ico gice hazoba ikibanza c’ikwadarato gipima intambwe 500 ku 500*+ kigenewe ahantu heranda. Irya n’ino yaho hazoba uburagiro bw’intambwe 50+. 3 Kuri iyo ngero, uze upime uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bw’intambwe 10.000. Aho ni ho hazoba ikibanza ceranda, ikintu ceranda cane. 4 Uzoba ari umugabane mweranda ukuwe ku gihugu ugenewe abaherezi+, ari bo basuku b’aheranda, begera kugira ngo bakorere Yehova+. Ni ho hazoba hari amazu yabo, habe n’ikibanza ceranda kigenewe urusengero.

5 Hazoba igice c’Abalewi, ari bo basuku b’urusengero, c’uburebure bw’intambwe 25.000 n’ubwaguke bw’intambwe 10.000+. Bazohabwa ibibanza vy’uburiro+ 20*.

6 Muzotanga ahantu hazokwegukira igisagara hafise uburebure bw’intambwe 25.000 (hareha na ya ntererano nyeranda) n’ubwaguke bw’intambwe 5.000+. Hazokwegukira ihanga ryose rya Isirayeli.

7 Umukuru azoronka itongo ku mpande zompi za ya ntererano nyeranda na ha hantu hegukira igisagara. Iryo tongo rizoba riri iruhande y’iyo ntererano nyeranda n’ahegukira igisagara. Rizoba riri ku ruhande rwo mu burengero n’urwo mu buseruko. Uburebure bwaryo kuva ku rubibe rwo mu burengero gushika ku rwo mu buseruko buzongana n’ubw’umugabane w’umwe muri ya miryango+. 8 Iryo tongo rizokwegukira uwo mukuru muri Isirayeli. Abakuru nashizeho ntibazokwongera gufata nabi abantu banje+, kandi bazoha Abisirayeli igihugu bisunze imiryango yabo+.”

9 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Yemwe bakuru ba Isirayeli, mwarengeje urugero!”

“Nimuhebe ubukozi bw’ikibi no gucinyiza abantu, mukore ibigororotse n’ibibereye+. Nimureke kunyaga abantu banje utwabo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 10 “Mukwiye gukoresha iminzane itabesha n’ingero ya efa* itabesha n’ingero ya bati* itabesha+. 11 Hakwiye kuba ingero idahinduka ya efa n’iya bati. Ingero ya bati ikwiye kungana n’ic’icumi c’ingero ya homeri*, n’ingero ya efa ikangana n’ic’icumi c’ingero ya homeri. Ingero ya homeri ni yo izofatirwako mu gupima. 12 Shekeli*+ ikwiye kungana n’ingero 20 za gera*. Shekeli 20, kwongerako 25, kwongerako 15 ni vyo bizongana n’ingero imwe ya manehe* muzokoresha.”

13 “Iyi ni yo ntererano muzotanga: ica gatandatu c’ingero ya efa kivuye ku ngero ya homeri imwimwe y’ingano, n’ica gatandatu ca efa kivuye kuri homeri imwimwe ya sayiri. 14 Amavuta atangwa akwiye gupimirwa ku ngero ya bati. Bati ni ic’icumi c’ingero ya koro*. Bati cumi ni homeri imwe, kuko bati cumi zingana na homeri imwe. 15 Mu busho bw’ibitungwa vy’Abisirayeli hakwiye gutangwa intama imwe ku 200. Ivyo vyose bizoba ari ivy’ishikanwa ry’intete+, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+ n’ibimazi vyo gusangira+, kugira ngo abantu bababarirwe ibicumuro*+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

16 “Abanyagihugu bose bazozanira iyo ntererano+ umukuru wo muri Isirayeli. 17 Ariko umukuru ni we azoba ajejwe amashikanwa aturirwa uko yakabaye+, ishikanwa ry’intete+ n’iry’ikinyobwa mu kiringo c’imisi mikuru+, imboneko z’ukwezi, amasabato+ no mu bindi biringo vyose vy’imisi mikuru yashinzwe y’Abisirayeli+. Ni we azozana ishikanwa ry’igicumuro, ishikanwa ry’intete, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye be n’ibimazi vyo gusangira, kugira ngo Abisirayeli bababarirwe ibicumuro*.”

18 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Mu kwezi kwa mbere, umusi wa mbere w’ukwo kwezi, uze utore ishuri yo mu busho itagira agahonzi, uheze utyorore ahantu heranda haveko igicumuro+. 19 Umuherezi aze atore makeyi ku maraso y’ishikanwa ry’igicumuro, ayashire ku gishimaryango c’urusengero+ no ku mfuruka zine za ca gice* gikikuje igicaniro no ku gishimaryango c’irembo ry’ikigo c’indani. 20 Ukwo ni ko uzogira ku musi ugira indwi w’ukwo kwezi ku bw’umuntu wese azocumura bivuye ku kwihenda canke ku kutamenya+. Muze mutangire impongano urusengero+.

21 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira 14 w’ukwo kwezi, muze muhimbaze Pasika+. Muzomara imisi indwi murya imikate itarimwo umwambiro+. 22 Kuri uwo musi, umukuru aze azane ishuri y’ishikanwa ry’igicumuro, ku bwiwe no ku bw’abanyagihugu bose+. 23 Mu misi indwi uwo musi mukuru uzomara+, aze azane buri musi ishuri indwi zitagira agahonzi n’impfizi z’intama indwi zitagira agahonzi vy’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye rihabwa Yehova. Aze azane n’isuguru y’impene y’ishikanwa ry’igicumuro buri musi. 24 Aze azane n’ingero imwe ya efa y’ishikanwa ry’intete ijāna n’ishuri imwimwe, n’ingero imwe ya efa ijāna n’impfizi y’intama imwimwe, azane n’ingero imwe ya hini* y’amavuta ijāna na efa imwimwe.

25 Mu kwezi kugira indwi, ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi, mu kiringo c’imisi indwi umusi mukuru uzomara+, aze azane ishikanwa ry’igicumuro nk’iryo nyene, ishikanwa riturirwa uko ryakabaye nk’iryo nyene n’ishikanwa ry’intete nk’iryo nyene be n’amavuta nk’ayo nyene.”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika