ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 43
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Ubuninahazwa bwa Yehova bwuzura urusengero (1-12)

      • Igicaniro (13-27)

Ezekiyeli 43:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:6; 42:15; 44:1

Ezekiyeli 43:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 9:3; 11:23
  • +Ezk 1:24; Yoh 12:28, 29
  • +Yes 6:3; Ezk 10:4

Ezekiyeli 43:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Hashobora kandi kuvugwa ngo «yaza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 1:3, 4; 3:23

Ezekiyeli 43:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 10:19; 44:1, 2

Ezekiyeli 43:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura impwemu y’Imana canke umumarayika.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 40:34; 1Bm 8:10; Ezk 44:4

Ezekiyeli 43:6

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:3

Ezekiyeli 43:7

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku bumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

  • *

    Bishobora kuba vyari ibigirwamana bafata nk’abami babo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 6:1; Yr 3:17; Ezk 1:26
  • +1Ng 28:2
  • +Kv 29:45; Zb 68:16; 132:14; Yw 3:17
  • +Ezk 39:7; Zk 13:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2007, rup. 10

Ezekiyeli 43:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 8:3
  • +Dn 9:12

Ezekiyeli 43:9

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ubumaraya.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 37:23, 26; 2Kr 6:16

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2007, rup. 10

    1/3/1999, rup. 18, 21-22

Ezekiyeli 43:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «gupima ico citegererezo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:4
  • +Ezk 16:63

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Agatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu,

    9/2017, rup. 2

    Insozero y’Ivyahishuwe, rup. 162

Ezekiyeli 43:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «imigero yo hasi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 44:5
  • +Ezk 11:19, 20; 36:27

Ezekiyeli 43:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 93:5; Ezk 40:2; 42:20

Ezekiyeli 43:13

Utujambo tw'epfo

  • *

    Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.

  • *

    Yareha na santimetero nka 22,2. Raba Inyongera ya B14.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 27:1; 2Ng 4:1

Ezekiyeli 43:14

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ku muhiro w’epfo.»

Ezekiyeli 43:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 27:2; Ivh 9:13

Ezekiyeli 43:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 38:1; 2Ng 4:1

Ezekiyeli 43:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 40:29; Lw 1:5; 8:18-21; Ezk 45:19

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 28-29

Ezekiyeli 43:19

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:46; 44:15; 48:11
  • +Kv 29:10; Lw 8:14

Ezekiyeli 43:20

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:36, 37; Lw 8:15; Heb 9:23

Ezekiyeli 43:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:14; Lw 8:17; Heb 13:11

Ezekiyeli 43:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 2:13

Ezekiyeli 43:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 29:35

Ezekiyeli 43:27

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ni ukuvuga amashikanwa yazanwa n’abantu.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 9:1
  • +Ezk 20:40

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 43:1Ezk 40:6; 42:15; 44:1
Ezk. 43:2Ezk 9:3; 11:23
Ezk. 43:2Ezk 1:24; Yoh 12:28, 29
Ezk. 43:2Yes 6:3; Ezk 10:4
Ezk. 43:3Ezk 1:3, 4; 3:23
Ezk. 43:4Ezk 10:19; 44:1, 2
Ezk. 43:5Kv 40:34; 1Bm 8:10; Ezk 44:4
Ezk. 43:6Ezk 40:3
Ezk. 43:7Yes 6:1; Yr 3:17; Ezk 1:26
Ezk. 43:71Ng 28:2
Ezk. 43:7Kv 29:45; Zb 68:16; 132:14; Yw 3:17
Ezk. 43:7Ezk 39:7; Zk 13:2
Ezk. 43:8Ezk 8:3
Ezk. 43:8Dn 9:12
Ezk. 43:9Ezk 37:23, 26; 2Kr 6:16
Ezk. 43:10Ezk 40:4
Ezk. 43:10Ezk 16:63
Ezk. 43:11Ezk 44:5
Ezk. 43:11Ezk 11:19, 20; 36:27
Ezk. 43:12Zb 93:5; Ezk 40:2; 42:20
Ezk. 43:13Kv 27:1; 2Ng 4:1
Ezk. 43:15Kv 27:2; Ivh 9:13
Ezk. 43:16Kv 38:1; 2Ng 4:1
Ezk. 43:18Kv 40:29; Lw 1:5; 8:18-21; Ezk 45:19
Ezk. 43:19Ezk 40:46; 44:15; 48:11
Ezk. 43:19Kv 29:10; Lw 8:14
Ezk. 43:20Kv 29:36, 37; Lw 8:15; Heb 9:23
Ezk. 43:21Kv 29:14; Lw 8:17; Heb 13:11
Ezk. 43:24Lw 2:13
Ezk. 43:25Kv 29:35
Ezk. 43:27Lw 9:1
Ezk. 43:27Ezk 20:40
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 43:1-27

Ezekiyeli

43 Hanyuma anjana kw’irembo riraba mu buseruko+. 2 Ndahabona ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli buzanana mu buseruko+. Ijwi ryiwe ryari rimeze nk’ijwi ry’amazi asuma cane+, kandi isi yamurikirwa n’ubuninahazwa bwiwe+. 3 Ivyo nabonye vyari bimeze nk’ivyo nari neretswe igihe naza* guhonya igisagara, kandi wamengo ni bimwe nari nabonye iruhande y’uruzi Kebari+. Naciye ngwa nubamye.

4 Maze ubuninahazwa bwa Yehova bwinjira mu rusengero* buciye mw’irembo riraba mu buseruko+. 5 Impwemu* ica iranterura, inzana mu kigo c’indani maze nsanga urusengero rwuzuye ubuninahazwa bwa Yehova+. 6 Hanyuma numva umuntu amvugisha ari mu rusengero, aca araza ahagarara iruhande yanje+. 7 Ambwira ati:

«Mwana w’umuntu, iki ni ikibanza c’intebe yanje y’ubwami+, kikaba n’ikibanza c’ibirenge vyanje+. Ni ho nzoba ibihe vyose hagati y’Abisirayeli+. Abisirayeli ntibazokwongera guhumanya izina ryanje ryeranda+, bo hamwe n’abami babo, biciye ku buhemu* bwabo no ku mivyimba y’abami babo* bapfuye. 8 Bashize ubwinjiriro bwabo iruhande y’ubwinjiriro bwanje, bashira n’igishimaryango cabo iruhande y’icanje, hagati yanje na bo hakaba uruhome gusa+. Ivyo vyatumye bahumanya izina ryanje ryeranda kubera ibintu bishisha bakora. Naciye rero ndabatikiza nshavuye+. 9 Nibigize kure yanje rero ubuhemu* bwabo n’imivyimba y’abami babo, nanje nzoheza mbe muri bo ibihe vyose+.

10 Mwana w’umuntu, dondorera Abisirayeli ukuntu urusengero rumeze+ kugira bamaramare kubera amakosa yabo+, kandi bakwiye kwiga imigero yarwo*. 11 Nibamaramara kubera ivyo bakoze vyose, uraca ubamenyesha imigero* y’urusengero, ukuntu rutunganije, imiryango yarwo isohoka be n’iyinjira+. Ubereke imigero yarwo yose n’ivyagezwe vyose birugenga, imigero yarwo yose n’amategeko yarwo yose. Uvyandikire imbere yabo kugira ngo bubahirize imigero yarwo yose, bakurikize n’ivyagezwe birugenga+. 12 Itegeko ry’urusengero ni iri: akarere kose gakikuje isonga ry’umusozi ni keranda cane+. Emwe, iryo ni ryo tegeko ry’urusengero.

13 Izi ni zo ngero z’igicaniro hafatiwe ku ntambwe+ (buri ntambwe yongeweko uburebure bungana n’ubwaguke bw’ikiganza)*. Umushinge waco mu mahagarara ureha n’intambwe imwe, ukagira n’ubwaguke bw’intambwe imwe. Imbiga igikikuje ifise ubwaguke bw’intambwe imwe y’ikiganza*. Uwo ni wo mushinge w’igicaniro. 14 Kuva ku mushinge uri hasi gushika ku gice gitoyi* kigikikuje hari intambwe zibiri, ubwaguke na bwo bukaba intambwe imwe. Kuva kuri ico gice gitoyi kigikikuje gushika ku gice kinini kigikikuje hari intambwe zine, ubwaguke na bwo bukaba intambwe imwe. 15 Iziko rya nya gicaniro rifise amahagarara y’intambwe zine, kandi kuri nya ziko ry’igicaniro hashinze amahembe ane+. 16 Iryo ziko ry’igicaniro ni ikwadarato. Rifise uburebure bw’intambwe 12 n’ubwaguke bw’intambwe 12+. 17 Impande zine z’igice kigikikuje zifise uburebure bw’intambwe 14 n’ubwaguke bw’intambwe 14. Imbiga ihakikuje ingana n’igice c’intambwe, umushinge w’igicaniro irya n’ino ukangana n’intambwe imwe.

Ingazi zaco ziraba mu buseruko.»

18 Araheza ambwira ati: «Mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Uku ni ko bizogenda igicaniro nicubakwa, kugira ngo gitangirweko amashikanwa aturirwa uko yakabaye, kimijagirweko n’amaraso+.”

19 “Abaherezi b’Abalewi bo mu ruvyaro rwa Sadoki+ begera hafi yanje kugira ngo bankorere, uze ubahe ishuri yo mu busho ngo ibe ishikanwa ry’igicumuro+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 20 “Uze utore makeyi ku maraso yayo, uyashire kuri ya mahembe ane y’igicaniro, ku mfuruka zine za ca gice kinini kigikikuje no ku mbiga igikikuje, kugira ngo ugityorore kiveko igicumuro, ugitangire impongano*+. 21 Uzoce utora iyo shuri, ari ryo shikanwa ry’igicumuro, kugira ituririrwe mu kibanza c’urusengero cabigenewe, hanze y’ahantu heranda+. 22 Ku musi ugira kabiri, uze ushikane isuguru y’impene itagira agahonzi, ibe ishikanwa ry’igicumuro. Baze batyorore igicaniro kiveko igicumuro nk’uko bazoba bagityoroye kikavako igicumuro hakoreshejwe ishuri.”

23 “Niwarangiza kugityorora kikavako igicumuro, uze ushikane ishuri yo mu busho itagira agahonzi, n’impfizi y’intama yo mu busho itagira agahonzi. 24 Uze ubishikirize Yehova, abaherezi na bo babimijeko umunyu+ hanyuma babitange nk’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye, rihabwa Yehova. 25 Mu kiringo c’imisi indwi, buri musi uzohora utanga isuguru y’impene nk’ishikanwa ry’igicumuro+, n’ishuri yo mu busho be n’impfizi y’intama yo mu busho. Uze ushikane ibitungwa bitagira akanenge. 26 Bazomare imisi indwi batangira impongano igicaniro, kandi baze bagihumanure baheze bagitegure ngo gitangure gukoreshwa. 27 Iyo misi niyarangira, kuva ku musi ugira umunani+ kubandanya, abaherezi bazotanga ku gicaniro amashikanwa yanyu* aturirwa uko yakabaye be n’ibimazi vyanyu vyo gusangira, kandi muzompimbara+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika