Hoseya
Ariko yahavuye yagirwa n’icaha kubera ugusenga Bayali+ maze arapfa.
2 N’ubu barabandanya gucumura
mu kwihingurira ibishusho mw’ifeza zabo*+.
Bakora ibigirwamana ku buhinga, bikamera nk’ivyakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene.
Babibwira bati: “Abagabo bashikana ibimazi nibasome inyana+.”
3 Ni co gituma bazomera nk’ibicu vyo mu gitondo,
nk’urume rukama hakiri kare,
nk’umuguruka wo ku mbuga* uguruwe n’igihuhusi
be n’umwotsi uca mu ntoboro y’igisenge.
4 Ariko jewe ndi Yehova Imana yanyu kuva mukiri mu Misiri+.
Nta yindi Mana mwigeze mumenya atari jewe,
kandi nta wundi mukiza ahari atari jewe+.
5 Nabamenye mukiri mu bugaragwa+, mu gihugu kigadutse.
baca baranyibagira+.
Nzobarokereza aho nyene nk’intambwe.
Igikoko co mw’ishamba kizobatabagura.
9 Ewe Isirayeli, kizogutabagura
kuko wangararije, jewe umutabazi wawe.
10 None wa mwami wanyu ari hehe, ngo abarokore mu bisagara vyanyu vyose+?
Canke ba batware* banyu bari hehe, bamwe mwambwira ngo:
“Nuduhe umwami hamwe n’abaganwa+”?
13 Azobabara nk’umugore afashwe n’ibise.
Ariko ni umwana atagira ubwenge,
ntasohoka hageze ko avuka.
Wa rupfu we, za mboyi zawe ziri hehe+?
Wa kuzimu we, kwa gutikiza kwawe kuri hehe+?
Sinzogenda ndabumviye impuhwe.
15 Naho yosagamba hagati y’amarenga,
hazoza umuyaga uvuye mu buseruko, umuyaga wa Yehova.
Uzozanana mu bugaragwa kugira ukamye isoko ryiwe ry’amazi n’iriba ryiwe.
Uzosahura ibintu vyose vy’agaciro vyo mu bubiko bwiwe+.
16 Abanyasamariya bazokwagirwa n’icaha+, kuko bagararije Imana yabo+.