Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kw’ijwi ryitwa «Ntuhonye.» Ni indirimbo* ya Dawidi, igihe yahungira Sawuli mw’isenga+.
57 Nungirire ubuntu Mana, nungirire ubuntu,
kuko ari wewe mpungirako+.
Mu gitutu c’amababa yawe ni ho mpungira gushika ivyago birenganye+.
2 Imana Musumbavyose ni yo ntabaza,
Imana y’ukuri, yo inkura mu ngorane.
3 Imana izomfasha yibereye mw’ijuru kandi izonkiza+.
Izotuma abashaka kuncakira bataha zirayoye. (Sela*)
Imana izokwerekana ubuntu* bwayo n’ubwizigirwa bwayo+.
Mbwirizwa kuryama hagati y’abantu bashaka kundotsa.
Amenyo yabo ni amacumu n’imyampi,
kandi ururimi rwabo rukarishe nk’inkota+.
Bimvye ikinogo imbere yanje,
ariko ni bo bakiguyemwo+. (Sela)
Nzokuririmbira nongere ngucurarangire.
8 Ewe buninahazwa bwanje, niwikangure!
Niwikangure wa gicurarangisho c’imirya, na wewe wa nanga!
Ngira nkangure umutwenzi+.