Hoseya
12 «Efurayimu arya umuyaga.
Yirirwa ariruka inyuma y’umuyaga wo mu buseruko.
Yuzuye ibinyoma n’ubukozi bw’ikibi.
Bagirana isezerano na Ashuri+, bakajana amavuta mu Misiri+.
2 Yehova afitaniye imburano na Yuda+.
Azocira urubanza Yakobo yisunze inzira ziwe,
kandi azomwishura yisunze ivyo yakoze+.
4 Yagumye anyinyana n’umumarayika kandi aramutsinda.
Yararize yongera aramutakambira ngo amugirire ubuntu+.»
Imana yamusanze i Beteli, kandi aho ni ho yavuganiye natwe+,
5 emwe Yehova Imana Nyeningabo+.
Yehova ni ryo zina yibukirwako+.
kandi nta kibi canke igicumuro wosanga mu vyo nkora vyose.”
9 Ariko jewe ndi Yehova Imana yanyu kuva mukiri mu Misiri+.
Nzotuma musubira kuba mu mahema,
nko mu gihe c’imisi mikuru yashinzwe.
11 I Gileyadi huzuye ububeshi*+ n’ibinyoma.
I Gilugali bahatangiye ibimazi vy’impfizi z’inka+,
kandi ibicaniro vyabo bimeze nk’ibirundo vy’amabuye biri mu maburi yo mu murima+.