Abalewi
8 Yehova abandanya kubwira Musa ati: 2 «Fata Aroni n’abahungu biwe+, za mpuzu zabo+, ya mavuta meranda*+, ya shuri y’ishikanwa ry’igicumuro, za mpfizi zibiri z’intama na ca giseke c’imikate itarimwo umwambiro+, 3 hanyuma ukoranirize ishengero ryose ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.»
4 Musa aca akora ivyo Yehova amutegetse, akoraniriza ishengero ryose ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 5 Maze abwira iryo shengero ati: «Ibi ni vyo Yehova yadutegetse gukora.» 6 Aca azana hafi yiwe Aroni n’abahungu biwe, araboza n’amazi+. 7 Araheza yambika Aroni ya kanzu+, amukenyeza na wa mukanda+. Amwambika na ya kanzu itagira amaboko+, ayirenzako ya efodi+, aca arayiboha na wa mukaba+ wayo ujishe kugira igume. 8 Hanyuma amwambika ka gapfuko ko ku gikiriza+, aca agashiramwo Urimu na Tumimu*+. 9 Amaherezo, amwambika ca gitambara bazingira mu mutwe+, ashira imbere kuri co ka kuma gafyase gakozwe mu nzahabu, ca kimenyetso ceranda* cerekana ko yeguriwe Imana+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
10 Musa aca atora ya mavuta meranda, ayasuka* kuri rya hema n’ivyari muri ryo vyose+, aravyeza. 11 Hanyuma atora makeyi kuri ayo mavuta, ayamijagira incuro indwi kuri ca gicaniro, arakirobanura n’ibikoresho vyaco vyose kugira avyeze. Abigenza gutyo no kuri ca kibesani* n’ico bagiterekako. 12 Amaherezo, asuka ku mutwe wa Aroni makeyi kuri ya mavuta meranda, aramurobanura kugira amweze+.
13 Hanyuma Musa azana hafi yiwe abahungu ba Aroni, abambika ya makanzu. Araheza abakenyeza ya mikanda yongera abambika na twa dukofero*+, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
14 Hanyuma Musa azana ya shuri y’ishikanwa ry’igicumuro+ maze Aroni n’abahungu biwe bayirambikako ibiganza ku mutwe. 15 Aca arayikerera hanyuma akoza urutoke mu maraso yayo+. Araheza ayasiga ku mahembe yose y’igicaniro, aragityorora kugira kiveko igicumuro. Amaraso asigaye aca ayasesa ku mushinge w’igicaniro, araceza kugira baze baragitangirako impongano*. 16 Inyuma y’ivyo, Musa afata ikinure cose kiri ku mara, ikinure gifashe ku gitigu* hamwe na ya mafyigo abiri n’ikinure cayo, arabiturira bifumba umwotsi ku gicaniro+. 17 Ibisigaye kuri iyo shuri vyose, ni ukuvuga urushato rwayo, inyama zayo n’amayezi yayo, aca abituririra inyuma y’ikambi+ nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
18 Hanyuma Musa azana ya mpfizi y’intama y’ishikanwa riturirwa maze Aroni n’abahungu biwe bayirambikako ibiganza ku mutwe+. 19 Aca arayikerera hanyuma amijagira amaraso yayo ku mpande zose z’igicaniro. 20 Araheza ayikatagura mu bihimba maze afata umutwe wayo, ibihimba vyayo n’ibinure* vyayo, arabiturira birafumba umwotsi. 21 Hanyuma aronga mu mazi amara yayo n’amaguru* yayo, aca arayiturira yose ifumba umwotsi ku gicaniro. Ryari ishikanwa riturirwa ry’akamoto keza*, ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro, nk’uko Yehova yari yabimutegetse.
22 Musa araheza azana ya mpfizi y’intama igira kabiri, ni ukuvuga ya mpfizi y’intama ikoreshwa mu kubimika+. Aroni n’abahungu biwe baca bayirambikako ibiganza ku mutwe+. 23 Aca arayikerera, afata makeyi ku maraso yayo ayasiga ku gutwi kw’iburyo kwa Aroni, ku rukumu rw’ukuboko kwiwe kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge ciwe c’iburyo. 24 Hanyuma yigiza hafi abahungu ba Aroni maze asiga amaraso makeyi ku gutwi kwabo kw’iburyo, ku rukumu rw’ukuboko kwabo kw’iburyo no kw’ino rikuru ry’ikirenge cabo c’iburyo. Ayasigaye aca ayamijagira ku mpande zose z’igicaniro+.
25 Musa aca atora ibinure vyayo, ni ukuvuga igitsembe kinuze, ibinure vyose biri ku mara, ikinure gifashe ku gitigu, amafyigo abiri n’ikinure cayo hamwe n’itako ry’iburyo+. 26 Hanyuma aja kuri ca giseke c’imikate itarimwo umwambiro kiri imbere ya Yehova, atoramwo umukate wiburungushuye+, umukate w’umuzingi ucumbanywe amavuta+ be n’agakate gafyase, araheza abishira hejuru ya vya binure na rya tako ry’iburyo. 27 Vyose aca abishira mu minwe ya Aroni n’abahungu biwe, arabizungagiza* nk’ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova. 28 Hanyuma abikura mu minwe yabo, arabiturira bifumba umwotsi ku gicaniro, hejuru ya rya shikanwa riturirwa. Cari ikimazi co kubimika c’akamoto keza, ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.
29 Musa aca atora akameme kayo, arakazungagiza nk’ishikanwa bazungagiza imbere ya Yehova+. Ako kameme k’impfizi y’intama yakoreshejwe mu kubimika kabaye aka Musa, nk’uko Yehova yari yabimutegetse+.
30 Ubukurikira, Musa atora makeyi kuri ya mavuta meranda+, atora n’amaraso makeyi ku yari ku gicaniro maze abimijagira Aroni n’impuzu ziwe hamwe n’abahungu biwe n’impuzu zabo. Ukwo ni ko yejeje Aroni n’impuzu ziwe hamwe n’abahungu biwe+ n’impuzu zabo+.
31 Maze Musa abwira Aroni n’abahungu biwe ati: «Nimutekere+ izo nyama ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. Muzozirira ng’aho nyene kandi muzozikoza umukate wo muri ca giseke*, kuko Imana yantegetse iti: “Aroni n’abahungu biwe bazobirya+.” 32 Inyama n’umukate bizosigara mukwiye kubiturira+. 33 Muzomara imisi indwi mutava ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, gushika imisi yo kubimika iheze, kuko bizofata imisi indwi kugira mwimikwe mw’ibanga ry’ubuherezi+. 34 Ibi tugize uno musi ni vyo Yehova yadutegetse gukora kugira mutangirwe impongano+. 35 Muzomara imisi indwi+ mutava ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro ijoro n’umurango, mwitwararika ivyo Yehova yabategetse+ kugira ntimupfe. Ivyo ni vyo Imana yantegetse.»
36 Nuko Aroni n’abahungu biwe bakora ibintu vyose Yehova yari yategetse biciye kuri Musa.