Amosi
2 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“‘Kubera Mowabu yangararije*+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko yaturiye amagufa y’umwami wa Edomu kugira ayakoremwo ishwagara.
2 Nzorungika rero umuriro i Mowabu,
kandi uzoturira iminara ikomeye y’i Keriyoti+.
Mowabu izotikira hariko havuga urwamo rwinshi,
akaruru k’intambara n’ijwi ry’inzamba+.
4 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kubera Yuda yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko biyamirije amategeko* ya Yehova,
kandi ntibubahirize ingingo yashinze+.
Ahubwo bazimijwe n’ibinyoma ba sekuruza babo bakurikiye+.
6 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kubera Isirayeli yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko bagurisha umugororotsi amahera*,
Umuhungu na se bahurira ku mukobwa umwe*,
bagahumanya izina ryanje ryeranda.
8 Biryamira iruhande y’ibicaniro vyose+ ku mpuzu bafasheko ingwati+.
Bagura umuvinyu amahera y’abantu baciye amande, bakawunywera mu nzu* y’imana zabo.”
9 “Ariko ni jewe natikije Abamori kugira bababise+,
naho bari barebare nk’amasederi, bagakomera nk’ibiti vy’imyeloni.
Nahoneje ivyamwa vyabo vyo hejuru n’imizi yabo yo hasi+.
None ivyo si vyo ga yemwe Bisirayeli?”, ni ko Yehova avuze.
12 “Ariko mwagumye muha umuvinyu Abanaziri ngo banywe+,
abahanuzi na bo mukabategeka ngo: ‘Ntimuvuge ubuhanuzi+.’
13 Nzobafyonyorera rero aho muri,
kurya nyene umukogote wuzuye intete ufyonyora ikintu cose uciyeko.
14 Uwunyaruka ntazoronka aho ahungira+,
uwukomeye ntazogumana inkomezi ziwe,
kandi n’umurwanyi ntazonyaga amagara.
15 Uwurasisha umwampi ntazokwihagararako,
uwunyaruka cane ntazocaruka,
kandi n’uwugendera kw’ifarasi ntazonyaga amagara.