Yosuwa
13 Yosuwa yari ashaje, ageze mu zabukuru+. Maze Yehova amubwira ati: «Ehe washaje ugeze mu zabukuru, mugabo haracasigaye akarere kanini k’igihugu mutarafata. 2 Aka ni ko karere gasigaye+: intara zose z’Abafilisitiya n’iz’Abageshuri zose+ 3 (akarere kava kw’ishami rya Nili* mu buseruko bwa Misiri* gushika ku rubibe rwa Ekuroni mu buraruko, akahora kegukira Abanyakanani+), kwongerako intara z’abatware batanu b’Abafilisitiya+ ari zo Gaza, Ashidodi+, Ashikeloni+, Gati+ na Ekuroni+, hamwe n’intara y’Abavimu+ 4 mu bumanuko. Haracasigaye kandi igihugu cose c’Abanyakanani, n’akarere ka Meyara k’Abanyasidoni+ gushika i Afeki ku rubibe rw’Abamori. 5 Haracasigaye n’igihugu c’Abagebali+ na Libani yose amaja mu buseruko, kuva i Bayali-Gadi munsi y’umusozi Herumoni gushika i Lebo-Hamati*+, 6 n’akarere k’imisozi kose kava i Libani+ gushika i Misirefoti-Mayimu+, hamwe n’akarere kose k’Abanyasidoni+. Ababayo bose nzobomora kugira ico gihugu ndagihe Abisirayeli+. Wewe ico uzokora gusa, ni uguha Abisirayeli ico gihugu kikababera intoranwa, nk’uko nabigutegetse+. 7 Gabura rero iki gihugu kugira ngo ya miryango icenda hamwe n’igice c’umuryango wa Manase ironke intoranwa yayo+.»
8 Ikindi gice c’umuryango wa Manase, Abarubeni hamwe n’Abagadi bari baronse intoranwa yabo mu buseruko bwa Yorodani. Ni ya ntoranwa nyene Musa umusavyi wa Yehova yabaha+. 9 Bahawe akarere kava ku gisagara ca Aroweri+ kiri ku mpera y’umubande* wa Arunoni+, n’igisagara kiri hagati muri uwo mubande, n’itāba ryose rya Medeba gushika i Diboni. 10 Bahabwa n’ibisagara vyose vya Sihoni umwami w’Abamori, uwaganza i Heshiboni, gushika ku rubibe rw’Abamoni+. 11 Bahabwa na Gileyadi n’akarere k’Abageshuri n’ak’Abamayakati+, n’umusozi Herumoni wose na Bashani+ yose gushika i Saleka+, 12 n’ubwami bwose bwa Ogi muri Bashani, uwaganza i Ashitaroti n’i Edireyi. (Yari umwe mu masigarira y’Abarefayimu+.) Musa yaratsinze ababa muri utwo turere, arabomora+. 13 Mugabo Abisirayeli ntibomoye+ Abageshuri n’Abamayakati kuko bakiba muri Isirayeli gushika n’ubu.
14 Umuryango w’Abalewi ni wo gusa Musa atahaye intoranwa+. Intoranwa yabo ni amashikanwa bashikanisha umuriro ahabwa Yehova Imana ya Isirayeli+, nk’uko nyene yabibasezeraniye+.
15 Iyi ni yo ntoranwa Musa yahaye umuryango w’Abarubeni hisunzwe ingo zabo. 16 Akarere kabo kava ku gisagara ca Aroweri kiri ku mpera y’umubande* wa Arunoni. Karimwo n’igisagara kiri muri uwo mubande, n’amatāba yose ari iruhande ya Medeba, 17 Heshiboni n’ibisagara vyaho vyose+ biri ku matāba, Diboni, Bamoti-Bayali, Beti-Bayali-Meyoni+, 18 Yahazi+, Kedemoti+, Mefati+, 19 Kiriyatayimu, Sibuma+ na Zereti-Shahari ku musozi uhanamiye ikiyaya, 20 Beti-Peyori, imidugo ya Pisiga+, Beti-Yeshimoti+, 21 ibisagara vyose vyo ku matāba n’ubwami bwose bwa Sihoni umwami w’Abamori yaganza i Heshiboni+. Musa yari yaratsinze uwo mwami+ n’abakuru b’Abamidiyani ari bo Evi, Rekemu, Zuri, Huru na Reba+. Abo bakuru bayoboka Sihoni kandi baba muri ico gihugu. 22 Balamu+ mwene Beyori, wa mupfumu+, na we nyene ari mu bo Abisirayeli bicishije inkota. 23 Yorodani ni rwo rwari urubibe rw’akarere k’Abarubeni. Abarubeni batoranye ako karere n’ibisagara vyaho n’ibigwati bihegereye, hisunzwe ingo zabo.
24 Musa yahaye intoranwa n’umuryango w’Abagadi hisunzwe ingo zabo. 25 Akarere kabo kari kagizwe na Yazeri+ n’ibisagara vyose vy’i Gileyadi n’igice c’igihugu c’Abamoni+ gushika i Aroweri, aharabana na Raba+. 26 Kava n’i Heshiboni+ kagashika i Ramati-Mizipe n’i Betonimu, kakava n’i Mahanayimu+ kagashika ku rubibe rwa Debiri. 27 Mu kiyaya na ho, ibisagara vyabo vyari Beti-Haramu, Beti-Nimura+, Sukoti+ na Zafoni, ni ukuvuga igice gisigaye c’ubwami bwa Sihoni umwami wa Heshiboni+. Urubibe rwabo rwari ubuseruko bw’uruzi Yorodani uhereye ku mpera y’epfo y’ikiyaga ca Kinereti*+. 28 Abagadi batoranye ako karere n’ibisagara vyaho n’ibigwati bihegereye, hisunzwe ingo zabo.
29 Igice c’umuryango wa Manase na co nyene Musa yaragihaye intoranwa, hisunzwe ingo zabo+. 30 Akarere kabo kahera i Mahanayimu+ kagafata na Bashani yose, ni ukuvuga ubwami bwose bwa Ogi umwami wa Bashani n’ibigwati vy’amahema vyose vya Yayiri+ biri i Bashani. Kari kagizwe n’ibisagara 60. 31 Igice ca Gileyadi, Ashitaroti na Edireyi+, ibisagara vyo mu bwami bwa Ogi biri i Bashani, vyahawe bene Makiri+ mwene Manase, ni ukuvuga igice ca bene Makiri, hisunzwe ingo zabo.
32 Izo ni zo ntoranwa Musa yabahaye mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, hakurya ya Yorodani mu buseruko bwa Yeriko+.
33 Mugabo Musa ntiyahaye intoranwa umuryango w’Abalewi+. Yehova Imana ya Isirayeli ni we ntoranwa yabo, nk’uko nyene yabibasezeraniye+.