Yosuwa
5 Abami bose b’Abamori+ bo mu burengero bwa Yorodani* n’abami bose b’Abanyakanani+ b’iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva ko Yehova yakamije amazi ya Yorodani imbere y’Abisirayeli gushika bajabutse, imitima ibavamwo*+. Bacika intege* kubera Abisirayeli+.
2 Ico gihe Yehova abwira Yosuwa ati: «Nukore imbugita mw’ibuye ry’isare, ugenyere*+ Abisirayeli ubugira kabiri.» 3 Nuko Yosuwa akora izo mbugita mw’ibuye ry’isare, agenyera Abisirayeli i Gibeyati-Araloti*+. 4 Iki ni co catumye Yosuwa abagenyera: abantu bose b’igitsina-gabo bavuye mu Misiri, ni ukuvuga abaja mu rugamba* bose, bari bapfiriye mu bugaragwa mu rugendo bagize bavuye mu Misiri+. 5 Abavuye mu Misiri bose bari baragenyerewe, mugabo abavukiye mu bugaragwa bose mu rugendo bagize bavuye mu Misiri ntibari bwagenyerwe. 6 Abisirayeli bari bamaze imyaka 40+ bagendagenda mu bugaragwa, gushika ihanga ryose rihonye, ni ukuvuga abaja mu rugamba bavuye mu Misiri batumviye Yehova+. Yehova yari yarabarahiye ko atobaretse ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 7 Yaciye abasubiriza abahungu babo+. Abo ni bo Yosuwa yagenyereye, kuko batigeze bagenyerwa igihe bari ku rugendo.
8 Abagabo bose bamaze kugenyerwa, Abisirayeli baguma aho bakambitse gushika bakize.
9 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Uyu musi ndabakuyeko* akagaye* k’Abanyamisiri.» Aho hantu rero baca bahita Gilugali*+ gushika n’uyu musi.
10 Abisirayeli baguma bakambitse i Gilugali, maze ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+ ku mugoroba, bahimbaza Pasika* mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 11 Bukeye baraye bahimbaje Pasika, kuri uwo musi nyene batangura kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, barya udutsima tutarimwo umwambiro+ n’intete zikaranze. 12 Bamaze kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, bukeye bwaho manu ntiyasubira kuboneka. Abisirayeli ntibongera kuronka manu+, mugabo batangura kurya ivyo bimbuye mu gihugu ca Kanani muri uwo mwaka+.
13 Nuko Yosuwa ari hafi ya Yeriko, arunamura amaso maze abona umugabo+ ahagaze imbere yiwe, yasokoye inkota ayifise mu kuboko+. Yosuwa aca aja iyo ari amubaza ati: «Uri ku ruhande rwacu canke uri ku ruhande rw’abaturwanya?» 14 Nya mugabo amwishura ati: «Oya, ahubwo nje nk’umukuru* w’ingabo za Yehova+.» Yosuwa aca aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi, amubaza ati: «Databuja, ni igiki wipfuza kumbwira jewe umusavyi wiwe?» 15 Nya mukuru w’ingabo za Yehova amwishura ati: «Kura ibirato*, kuko ahantu uhagaze ari heranda.» Yosuwa aca arabikura+.