Hoseya
5 «Nimwumve ibi, yemwe baherezi+!
Nimutege ugutwi, yemwe Bisirayeli!
Nimwumvirize, yemwe abo ku kirimba* c’umwami,
kuko urubanza ari mwebwe rwerekeye.
Nkako, mwabereye umutego Mizipa,
muba n’urusenga ruteze hejuru ya Tabora+.
3 Efurayimu ndamuzi,
kandi na Isirayeli ntiyonyinyegeza.
4 Ibikorwa vyabo ntibibakundira kugaruka ku Mana yabo,
kuko bafise agatima* k’ubumaraya*+,
kandi ntibubaha Yehova.
5 Ubwishime bwa Isirayeli buramwagiriza+.
Isirayeli na Efurayimu baratsitaye kubera ikosa ryabo,
kandi na Yuda yatsitaranye na bo+.
6 Bagiye kurondera Yehova batwaye amasho y’intama n’inka,
ariko baramubuze.
Yari yabahevye arigira+.
Ubu rero bo hamwe n’amatongo* yabo bizoyogera mu kwezi kumwe.
8 Nimuvugirize inzamba+ i Gibeya, muvugirize urumbete i Rama+!
Nimuvugirize akaruru k’intambara i Beti-Aveni+ muti: “Turi inyuma yawe Benyamini!”
9 Ewe Efurayimu, umusi uzohanwa, abantu bazokwumirwa nibakubona+.
Naramenyesheje imiryango ya Isirayeli ibibwirizwa gushika.
10 Abaganwa b’Ubuyuda bameze nk’abantu bimura urubibe+.
Nzobasukako ishavu ryanje nka kurya kw’amazi.
12 Efurayimu namubereye nk’agakoko karya impuzu,
abantu bo mu Buyuda na bo ndababera nk’ukubora.
13 Igihe Efurayimu yabona indwara yiwe, Yuda na we akabona igisebe ciwe,
Efurayimu yaciye aja i Ashuri+, arungika intumwa ku mwami ahambaye.
Ariko uwo mwami ntiyashoboye kubavura,
canke ngo abakize igisebe canyu.
15 Nzokwigira nisubirire iwanje, gushika babonye ingaruka z’igicumuro cabo.
Na bo bazoheza barondere ko ndabagirira ubuntu+.
Nibabona bageze habi bazondondera+.»