Hoseya
Hari uwumanutse nk’inkona aje gutera inzu ya Yehova+,
kuko bahonyanze isezerano ryanje+, bakarenga kw’itegeko ryanje+.
2 Baguma bantakambira ngo: “Mana yacu, twebwe Abisirayeli turakuzi+.”
3 Abisirayeli bariyamirije iciza+.
Umwansi nabome inyuma!
4 Biyimikiye abami bitanciyeko,
bishiriraho abaganwa ntemera.
5 Ewe Samariya, inyana yawe irashibuwe+!
Narunguye n’ishavu kubera bo+.
Mbega bazonanirwa kuba intungane* gushika ryari?
6 Kuko iyo nyana yavuye muri Isirayeli.
Yakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene kandi si Imana.
Inyana ya Samariya izocika ubunywenywe.
Nta giterwa na kimwe cama intete+.
Ikigize ngo kirama nta fu kivamwo,
kandi n’iyoboneka yoca iribwa n’abanyamahanga+.
8 Abisirayeli bazomirwa n’abansi+.
Ubu rero mu mahanga barimwo+
bazomera nk’igikoresho ata n’umwe yerekwa.
9 Kuko baduze i Ashuri+ nk’indogobwa yo mw’ishamba y’inyakamwe.
Efurayimu yarirondereye abantu ahemba ngo bamubere abahabara+.
10 Naho babakura mu yandi mahanga,
ngira ndabakoranirize hamwe.
Bazogira ingorane+ kubera umuzigo umwami n’abaganwa babaremeka.
11 Kuko Efurayimu yagwije ibicaniro, bigatuma acumura+.
Ibicaniro vyiwe ni vyo vyamukwegeye gucumura+.
Ubu rero nzokwibuka ikosa ryabo, ndabahanire ibicumuro vyabo+.
14 Abisirayeli baribagiye Umuremyi wabo+ maze biyubakira insengero+.
Yuda yaragwije ibisagara bikingijwe ibihome+.
Ariko nzorungika umuriro mu bisagara vyiwe,
kandi uzorigata iminara yose yo muri vyo+.»