Hoseya
Kuko ubumaraya* ari bwo bwatumye uheba Imana yawe+.
Ukunda amahera ukura mu bumaraya ukorera ku mbuga zose bakubitirako intete+.
3 Abisirayeli ntibazobandanya kuba mu gihugu ca Yehova+.
Ahubwo Efurayimu azosubira mu Misiri,
kandi azorira i Ashuri ibintu bihumanye+.
Bimeze nk’umukate w’abagandaye,
kandi ababirya bose bazoba bihumanije.
Kuko umukate wabo ari rwabo gusa,
ntuzogenda winjiye mu nzu ya Yehova.
6 Umve, bazohunga kubera agatikizo+.
Misiri izobegeranya+, Memfisi na yo ibahambe+.
Ibintu vyabo vy’agaciro vy’ifeza bizomeramwo ivyatsi vy’ibisuru,
amahema yabo na yo ameremwo ibisaka vy’amahwa.
7 Imisi yo kwishura ivyo bakoze irashitse+,
imisi yo guhabwa igihano bakwiriye irashitse,
kandi Isirayeli azobimenya.
Abahanuzi babo bazosara, abitwa ngo baravugishwa na bo bate ubwenge.
Urwanko bagufitiye ni rwinshi, kuko amakosa yawe ari menshi.»
8 Inderetsi+ ya Efurayimu yari kumwe n’Imana yanje+.
Ariko ubu inzira zose z’abahanuzi biwe+ zimeze nk’imitego y’umuhigi w’inyoni.
Mu nzu y’Imana yiwe huzuye urwanko.
9 Barononekaye birenze, nka ca gihe c’i Gibeya+.
Imana izokwibuka amakosa yabo, ibahanire ibicumuro vyabo+.
10 «Nubutse kuri Isirayeli nk’uwubutse ku nzabibu mu gahinga+.
Igihe nabona ba sokuruza banyu, wamengo mbonye insukoni zeze kare ku musukoni.
Ariko bobo bakurikiye Bayali y’i Peyori+,
bihebera ico kintu giteye isoni*+,
baca bacika abasesemye nk’ico kintu bakunda.
11 Ubuninahazwa bwa Efurayimu buraguruka nk’inyoni bukigira.
Ntibavyara, ntibibungenga canke ngo basame inda+.
12 Kandi naho borera abana,
nzobahekura ku buryo ata n’umwe asigara+.
Emwe, bazoba bigorewe ninabaheba+!
13 Igihe nabona Efurayimu mu buragiro butotahaye, yari imeze nka Tiro+.
Ariko ubu itegerezwa kuzana abana bayo ngo bicwe.»
15 «Ububisha bwabo bwose bwahereye i Gilugali+, kandi aho ni ho nabankiye.
Nzobirukana mu nzu yanje kubera ibikorwa vyabo bibi+.
Sinzosubira kubakunda+.
Abaganwa babo bose ni intagondwa.
16 Efurayimu izokwicirwa nk’igiti+.
Imizi yabo izokwuma kandi ntibazokwama ivyamwa.
Naho bovyara, nzokwica abana babo bikundira.»