Yobu
39 Mbega urazi igihe impene zo mu misozi zivyarira+?
Uramaze kubona impongokazi ziriko ziravyara+?
2 Mbega uramaze guharura ikiringo zimara zifise amezi?
Urazi igihe zivyarira?
3 Zirasutama kugira zivyare,
maze ububabare bwazo bugahera.
4 Imyagazi yazo irakomera kandi igakurira mu gahinga.
Irigira ntigaruke kwa nyina.
6 Nayigeneye kuba mu biyaya vy’ubugaragwa,
nshinga ko iba kw’isi y’umunyu.
7 Isuzugura urwamo rwo mu bisagara.
Ntiyumva ugukankama kw’uwuyiyoboye.
8 Ikwiragira imisozi irondera aho irisha,
ikarondera ahantu hose hari ubwatsi butoto.
9 Mbega ishuri yo mw’ishamba* yokwemera kugukorera+,
canke yokwemera kurara mu ruhongore rwawe?
11 Mbega woyizigira ngo ni uko ifise inguvu nyinshi,
ukayireka ngo ikore ibikorwa vyawe biruhisha?
13 Ikinyoni citwa imbuni kiratababiza kinezerewe,
ariko none amababa yaco hari aho ahuriye n’ay’agasoza+?
14 Gisiga amagi yaco hasi,
kikayareka agashuhira mu mukungugu.
15 Kiribagira ko ikirenge c’umuntu coyafyonyora
canke ko igikoko gishobora kuyahonyanga.
18 Ariko iyo gitababije kikiruka,
kiratwenga ifarasi n’uwuyigenderako.
19 Mbega ni wewe uha inguvu ifarasi+?
Ni wewe uyambika umugāra uhungabana?
20 Mbega wotuma itaruka nk’inzige?
Ugupfuhagira kwayo kurateye ubwoba+.
22 Iratwenga ubwoba kandi nta na kimwe itinya+.
Ntihunga kubera inkota.
23 Agasaho k’imyampi kagenda karajegera kuri yo,
amacumu agaca ibibatsi kuri yo.
25 Ijwi ry’inzamba ripfa kuvuga, na yo iti: “Ahaa!”
Imoterwa n’intambara ikiri kure cane,
ikumva urwamo rw’abakomanda n’akaruru k’intambara+.