Amosi
6 «Baragowe abantu b’i Siyoni biyizigira*,
bakumva bitekaniye ku musozi w’i Samariya+,
abantu bakomakomeye bo mw’ihanga rihambaye kuruta ayandi,
barya inzu ya Isirayeli yitura.
2 Genda i Kalune murabe,
hanyuma muveyo muje i Hamati+ igisagara gihambaye,
muce mumanuka i Gati h’Abafilisitiya.
Mbega ivyo bisagara vyoba ari vyiza kuruta ubu bwami*?
Canke akarere kabo koba kagutse gusumba ak’iwanyu?
4 Biryamira ku bitanda vy’amasenge*+, bakigaramira ku ntebe nzizanziza*+
bariko barya impfizi z’intama zo mu busho n’inyana* zivyibushe+.
5 Bifondera indirimbo bajanisha n’ijwi ry’inanga+,
bakihingurira ibicurarangisho* bishasha nka Dawidi+.
6 Banywera umuvinyu mu mabakure+
kandi bakisiga amavuta mezameza,
ariko ntibitaho* ivyago vya Yozefu+.
7 Ni co gituma bazoba aba mbere mu kujanwa mu bunyagano+,
kandi ukwidagadura kutabereye kw’abigaramangira kuzorangira.
8 “Umukama Segaba Yehova arirahiye+”, ni ko Yehova Imana Nyeningabo avuze:
“‘Ndanka ubwishime bwa Yakobo+.
Iminara yiwe ikomeye iranshisha+,
kandi igisagara ciwe n’ibicuzuye nzobiha abansi+.
9 Naho mu nzu imwe hoba hasigaye abantu cumi, na bo nyene bazopfa. 10 Incuti yabo* izoza kubatwara ibaturire umwumwe. Izosohora amagufa yabo hanze, hanyuma ibaze uwuri indani mu cumba iti: “Hari uwundi muri kumwe?” Na we azoyishura ati: “Nta n’umwe!” Izoca ivuga iti: “Hora! Kuko atari igihe co kuvuga izina rya Yehova.”’
11 Kuko Yehova ari we azoba yatanze itegeko+.
Azobomora inzu nininini zisigare ari isakamburira,
inzu ntonto na zo zisigare ari ubunywenywe+.
12 Mbega amafarasi ariruka ku bitandara vy’amabuye?
Canke umuntu yoharimisha inka?
Erega ubutungane mwabuhinduye igiterwa c’ubumara,