Zakariya
1 Mu kwezi kugira umunani, mu mwaka ugira kabiri Dariyo aganza+, Yehova yavuganye n’umuhanuzi Zakariya*+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, amubwira ati: 2 «Jewe Yehova narashavuriye cane ba so+.
3 Ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘“Nimungarukeko”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze, “nanje nzobagarukako+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.’”
4 “Ntimube nka ba so, bamwe abahanuzi b’aho hambere babwiye ngo: ‘Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ndabinginze muhebe ingeso* zanyu mbi n’ibikorwa vyanyu bibi+.”’”
“Mugabo ntibumvirije kandi ntibanteze ugutwi+”, ni ko Yehova avuze.
5 “None ubu ba so bari hehe? Abahanuzi bobo boba barabayeho ibihe bidahera? 6 Ariko ivyo navuze n’amategeko nahaye abasavyi banje b’abahanuzi, mbega ba so ntibabonye ingene vyarangutse+?” Barangarutseko rero, bavuga bati: “Yehova Nyeningabo yadukoreye ibihuye n’ingeso zacu be n’ivyo dukora, nk’uko yari yariyemeje kubigira+.”»
7 Ku musi ugira 24 w’ukwezi kugira 11 kwitwa Shebati*, mu mwaka ugira kabiri Dariyo aganza+, Yehova yaravuganye n’umuhanuzi Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido. Zakariya yavuze ati: 8 «Mw’ijoro nareretswe. Hari umugabo agendera kw’ifarasi itukura, akaba yari ahagaze mu biti vy’imihadasi* mu manga. Inyuma yiwe hari amafarasi atukura, ay’akagajo n’ayera.»
9 Nuko mvuga nti: «Abo ni bande ga mukama?»
Umumarayika yariko avugana nanje aca anyishura ati: «Ndakwereka abo ari bo.»
10 Maze nya mugabo yari ahagaze mu biti vy’imihadasi avuga ati: «Abo ni abo Yehova yatumye kugendagenda mw’isi.» 11 Nuko babwira nya mumarayika wa Yehova yari ahagaze mu biti vy’imihadasi bati: «Twagendagenze mw’isi dusanga isi yose iratekanye, ata kiyihungabanya+.»
12 Nya mumarayika wa Yehova avuga rero ati: «Ewe Yehova Nyeningabo, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yeruzalemu n’ibisagara vy’Ubuyuda+? Wamaze imyaka* 70 uhashavuriye+.»
13 Yehova yishura nya mumarayika yariko avugana nanje, amwishura amajambo meza, ahumuriza. 14 Uwo mumarayika yariko avugana nanje araheza ambwira ati: «Semerera uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nzorwanira Yeruzalemu na Siyoni n’umwete mwinshi+. 15 Mfitiye ishavu ryinshi amahanga yitekaniye+, kuko nashavuye buhoro+ ariko yoyo agasongera isibe+.’”
16 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: “‘Nzogarukira Yeruzalemu ndayigirire imbabazi+ kandi inzu yanje izokwubakwayo+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. ‘I Yeruzalemu hazopimishwa umugozi+.’”
17 Subira usemerere uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Ibisagara vyanje bizokwongera gusesekara ivyiza kandi Yehova azokwongera guhoza Siyoni+, asubire guhitamwo Yeruzalemu+.’”»
18 Maze ndaramura amaso, mbona amahembe ane+. 19 Mbaza rero umumarayika yariko avugana nanje nti: «Ivyo ni ibiki?» Na we yishura ati: «Ayo ni amahembe yashwiragije abo mu Buyuda+, muri Isirayeli+ n’i Yeruzalemu+.»
20 Yehova aca anyereka abanyamyuga bane b’abahinga. 21 Nca mbaza nti: «Abo baje gukora iki?»
Avuga ati: «Ayo ni amahembe yashwiragije abo mu Buyuda ku buryo ata n’umwe yashoboye kuvyura umutwe. Abo bantu rero bazoza kuyatera ubwoba, batsinde hasi amahembe y’amahanga. Ayo mahanga yaradugije amahembe, arwanya igihugu c’Ubuyuda kugira ashwiragize ababayo.»