Zakariya
3 Nuko anyereka umuherezi mukuru Yosuwa+ ahagaze imbere y’umumarayika wa Yehova. Shetani+ yari ahagaze iburyo bwiwe kugira ngo amurwanye. 2 Maze uwo mumarayika wa Yehova abwira Shetani ati: «Ewe Shetani, Yehova nagucire urubanza*+, emwe Yehova nagucire urubanza*, we yahisemwo Yeruzalemu+! Mbega uwo mugabo si igishirira cokowe mu muriro?»
3 Yosuwa yari yambaye impuzu zicafuye, ahagaze imbere y’uwo mumarayika. 4 Uwo mumarayika abwira abari bahagaze imbere yiwe ati: «Nimumukure izo mpuzu zicafuye.» Maze amubwira ati: «Raba! Ndagukuyeko ikosa ryawe, kandi ugira wambikwe impuzu nziza*+.»
5 Nca mvuga nti: «Niyambikwe igitambara gisukuye bazingira mu mutwe+.» Nuko bamwambika ico gitambara gisukuye, bamwambika n’impuzu. Uwo mumarayika wa Yehova yari ahagaze ng’aho. 6 Uwo mumarayika wa Yehova aca abwira Yosuwa ati: 7 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Niwagendera mu nzira zanje, ugashitsa ivyo nakujeje, uzocira imanza rero abo mu nzu yanje+ witwararike* n’ibigo vyanje. Nzotuma uba umwishikira muri aba bahagaze ng’aha.”
8 “Ewe Muherezi mukuru Yosuwa, ndakwinginze wumvirize, wewe na bagenzawe bicaye imbere yawe, kuko muri ikimenyetso c’ibizoba. Raba! Ngira nzane umusavyi wanje+ yitwa Munago+. 9 Raba ibuye nshize imbere ya Yosuwa. Kuri iryo buye rimwe hari amaso indwi. Ngira ndarisarureko ivyandiko kandi mu musi umwe nzokuraho ikosa ry’ico gihugu+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
10 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Kuri uwo musi, umwe wese muri mwebwe azotumira mugenziwe ngo aze munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+.”»