Zakariya
5 Nongera kuraramura amaso, maze mbona umuzingo uguruka. 2 Ambaza ati: «Ubona iki?»
Nishura nti: «Mbona umuzingo uguruka w’uburebure bw’intambwe* 20, n’ubwaguke bw’intambwe 10.»
3 Maze ambwira ati: «Uwo ni umuvumo ugiye kw’isi yose, kuko uwiba wese+, nk’uko vyanditswe ku ruhande rumwe rw’uwo muzingo, atahanywe. N’uwurahira wese+, nk’uko vyanditswe ku rundi ruhande, ntiyahanywe. 4 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ndawurungitse kandi uzokwinjira mu nzu y’igisuma no mu nzu y’uwurahira ibinyoma mw’izina ryanje. Uzoguma muri iyo nzu uyitikize n’ibiti vyayo n’amabuye yayo.”»
5 Nuko wa mumarayika yariko avugana nanje aregera, ambwira ati: «Ndakwinginze uraramure amaso, urabe kirya kije ico ari co.»
6 Nca mbaza nti: «Ni igiki?»
Anyishura ati: «Ico ni igiseke ca efa* kije.» Yongerako ati: «Ukwo ni ko ababisha basa mw’isi yose.» 7 Maze mbona umurumyo w’umuzingi ukozwe mu butare bw’isasu ukuweko. Hari umugore yari yicaye muri ico giseke. 8 Nuko avuga ati: «Uwu yitwa Bubisha.» Hanyuma asubira kumuterera muri nya giseke ca efa, aca aterera ku munwa waco uwo murumyo uremereye wo mu butare bw’isasu.
9 Maze ndaramura amaso, mbona abagore babiri bariko baraza baguruka mu muyaga. Bari bafise amababa nk’ay’agasoza. Baca baterura nya giseke bakijana mu kirere*. 10 Mbaza rero uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: «Kirya giseke ca efa bakijanye he?»
11 Anyishura ati: «Mu gihugu ca Shinari*+. Bazomwubakirayo inzu. Nibayirangiza, bazomushirayo, mu kibanza akwiriye.»