ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 24
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Yeruzalemu imeze nk’inkono y’ingese (1-14)

      • Urupfu rwa muka Ezekiyeli ruba ikimenyetso (15-27)

Ezekiyeli 24:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «izina ry’uyu musi.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 25:1; Yr 39:1; 52:4

Ezekiyeli 24:3

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «bwira inkuru.»

  • *

    Canke «ya nkono y’umunwa munini.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 11:3

Ezekiyeli 24:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 11:7

Ezekiyeli 24:5

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 39:6

Ezekiyeli 24:6

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «utabipfindiyeko ubupfindo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 21:16; Mik 7:2; Mt 23:35
  • +Ezk 11:7, 9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2007, rup. 14

Ezekiyeli 24:7

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 2:34
  • +Lw 17:13; Gus 12:16

Ezekiyeli 24:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 24:3, 4

Ezekiyeli 24:9

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mt 23:37

Ezekiyeli 24:11

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ku makara.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 21:10; 32:29; Ezk 22:15

Ezekiyeli 24:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 5:3; 6:29

Ezekiyeli 24:13

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Ng 36:14; Ezk 22:9
  • +Ezk 5:12, 13; 8:18

Ezekiyeli 24:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 13:14; Ezk 5:11

Ezekiyeli 24:16

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ntuze wikubite ku gikiriza.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 24:18, 21

Ezekiyeli 24:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «isandari.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «umukate w’abantu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yr 16:5
  • +Lw 10:6
  • +2Sm 15:30
  • +Mik 3:7
  • +Yr 16:7

Ezekiyeli 24:21

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «ufitiye impuhwe.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Zb 74:7; 79:1; Yr 7:14; Int 1:10; 2:7; Ezk 9:7
  • +2Ng 36:17; Yr 6:11

Ezekiyeli 24:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 24:17

Ezekiyeli 24:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 26:39; Ezk 33:10

Ezekiyeli 24:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 8:18; 20:3; Ezk 4:3

Ezekiyeli 24:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 28:32; Yr 11:22

Ezekiyeli 24:26

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 33:21

Ezekiyeli 24:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 3:26; 33:22

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/7/2007, rup. 13-14

    1/12/2003, rup. 29

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 24:22Bm 25:1; Yr 39:1; 52:4
Ezk. 24:3Ezk 11:3
Ezk. 24:4Ezk 11:7
Ezk. 24:5Yr 39:6
Ezk. 24:62Bm 21:16; Mik 7:2; Mt 23:35
Ezk. 24:6Ezk 11:7, 9
Ezk. 24:7Yr 2:34
Ezk. 24:7Lw 17:13; Gus 12:16
Ezk. 24:82Bm 24:3, 4
Ezk. 24:9Mt 23:37
Ezk. 24:11Yr 21:10; 32:29; Ezk 22:15
Ezk. 24:12Yr 5:3; 6:29
Ezk. 24:132Ng 36:14; Ezk 22:9
Ezk. 24:13Ezk 5:12, 13; 8:18
Ezk. 24:14Yr 13:14; Ezk 5:11
Ezk. 24:16Ezk 24:18, 21
Ezk. 24:17Yr 16:5
Ezk. 24:17Lw 10:6
Ezk. 24:172Sm 15:30
Ezk. 24:17Mik 3:7
Ezk. 24:17Yr 16:7
Ezk. 24:21Zb 74:7; 79:1; Yr 7:14; Int 1:10; 2:7; Ezk 9:7
Ezk. 24:212Ng 36:17; Yr 6:11
Ezk. 24:22Ezk 24:17
Ezk. 24:23Lw 26:39; Ezk 33:10
Ezk. 24:24Yes 8:18; 20:3; Ezk 4:3
Ezk. 24:25Gus 28:32; Yr 11:22
Ezk. 24:26Ezk 33:21
Ezk. 24:27Ezk 3:26; 33:22
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 24:1-27

Ezekiyeli

24 Mu mwaka ugira icenda, mu kwezi kugira cumi, ku musi ugira cumi w’ukwo kwezi, Yehova yongera kumbwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, andika iyi tariki*, itariki y’uyu musi. Umwami wa Babiloni yatanguye gutera Yeruzalemu uyu musi nyene+. 3 Cira umugani* iri hanga ry’abagarariji, uvuge ku biberekeye uti:

“Umukama Segaba Yehova avuze ati:

‘Shira ya nkono* ku ziko. Yishireko, uyisukemwo n’amazi+.

 4 Yishiremwo ibipande vy’inyama+, ibipande vyose vyiza,

itako n’urutugu. Yuzuze amagufa mezameza.

 5 Tora intama nziza kuruta izindi zo mu busho+, kandi irya n’ino munsi ya nya nkono urundeyo ingegene z’inkwi.

Togotesha ivyo bipande, uteke n’ayo magufa ari muri iyo nkono.’”

6 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati:

“Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso+, ya nkono yaguye ingese, ingese zayo zikaba zitayikuweko!

Kurayo kimwekimwe mu bipande biriyo+, utarobanuye*.

 7 Kuko amaraso casheshe ari muri co+. Cayasutse ku rutare rugaragara.

Nticayasutse hasi ngo arenzweko ivu+.

 8 Kugira ngo mvyure uburake bwo kucihora,

amaraso casheshe nayashize ku rutare rukayangana kandi rugaragara,

ngo ntapfukwe+.”

9 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati:

“Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso+!

Nzorunda ikirundo kinini c’inkwi.

10 Runda ingegene z’inkwi, ucane umuriro.

Togotesha inyama zishe cane. Suka umufa, amagufa uyareke azigire.

11 Tereka iyo nkono igaragara ku muriro* ishuhe

kugira ngo umujumpu wayo ushuhe utukurire.

Ubuhumane bwayo buzoyagira muri yo+, n’ingese zayo zitokombere.

12 Biraca intege kandi bikaruhisha,

kuko ingese nyinshi ifise zitavako+.

Yiterere mu muriro n’ingese zayo!”

13 “Wahumanye kubera ubushirasoni bwawe+. Nta ko ntagize ngo ndaguhumanure, mugabo vyaranse ko uhumanuka. Ntuzogenda uhumanutse gushika uburake ndagufitiye buhwamye+. 14 Jewe Yehova ndavuze. Ivyo bizoba. Nzogira ico nkoze ata kugonanwa, ata kinya, ata kwicuza+. Uzocirwa urubanza ruhwanye n’ingeso zawe be n’ivyo ukora”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»

15 Yehova yongera kumbwira ati: 16 «Mwana w’umuntu, ngira nkwake giturumbuka umwe ukunda cane+. Ntuze ugandare* canke ngo urire, canke ngo ukorore amosozi. 17 Uze unihe udakurako umunwa, kandi ntuze ugire imigenzo yo kugandarira abapfuye+. Uze upfunge igitambara bazingira mu mutwe+ wambare n’ibirato*+. Ntuze upfuke ubwanwa bwo haruguru+, kandi ntuze urye ivyo bakuzaniye*+.»

18 Nuko mu gitondo ndabibwira abantu maze ku mugoroba umugore wanje arapfa. Bukeye mu gitondo nkora ivyo nari nategetswe. 19 Abantu baguma bambaza bati: «Mbega ivyo bintu uriko urakora ntiwotubwira ingene bituraba?» 20 Nanje ndabishura nti: «Yehova yambwiye ati: 21 “Bwira Abisirayeli uti: ‘Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ngira mpumanye ahantu hanje heranda+ mwishimira cane, ahantu mukunda cane kandi umutima wanyu wipfuza*. Abahungu banyu n’abakobwa banyu mwasize inyuma bazokwicishwa inkota+. 22 Ico gihe namwe muzobwirizwa kugira nk’uko nagize. Ntimuzopfuka ubwanwa bwo haruguru, kandi ntimuzorya ivyo babazaniye+. 23 Muzopfunga ibitambara vyanyu mu mutwe, mwambare n’ibirato. Ntimuzogandara canke ngo murire, ahubwo muzoborera mu makosa yanyu+, murabane munihe. 24 Ezekiyeli yababereye ikimenyetso+. Muzokora nk’ivyo yakoze. Nivyashika, muzomenya vy’ukuri yuko ndi Umukama Segaba Yehova.”’”»

25 «Mwana w’umuntu, umusi nzobaka ikibanza cabo gikomeye, ca kibanza ciza kibanezera, ikintu bakunda cane kandi umutima wabo wipfuza, nkabaka n’abahungu babo n’abakobwa babo+, 26 uzobimenyeshwa n’uwacitse kw’icumu+. 27 Kuri uwo musi, uzoteranura akanwa kawe uvugane n’uwo yacitse kw’icumu. Ntuzoba ukiri nyamuragi+. Uzobabera ikimenyetso, kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika