Obadiya
Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku vyerekeye Edomu*+:
«Hari inkuru twumvise ivuye kuri Yehova.
Hari intumwa yarungitswe mu mahanga kuvuga ngo:
“Nimuhaguruke, twitegurire urugamba rwo kumurwanya+.”»
3 Ubwibone bw’umutima wawe bwaraguhenze+,
wewe uba mu bwihisho bwo mu rutare,
wewe uba iyo hejuru. Uvugira mu mutima uti:
“Ni nde azonkororera hasi?”
4 Naho woja kuba hejuru* nk’inkona,
canke ugashira icari cawe mu nyenyeri,
nogukorora nkagukurayo», ni ko Yehova avuze.
5 «Hamwe ibisuma vyoza iwawe, abambuzi bakaza mw’ijoro,
mbega ntibokwiba gusa ivyo bagomba?
Hamwe boba ari abasoroma inzabibu baje iwawe,
6 Ewe kuntu Esawu yasatswe!
Ese ukuntu amatunga yiwe ahishijwe yarondewe aratorwa!
7 Abari bagushigikiye* bose barakwirukanye gushika ku rubibe.
Baraguhenze.
Abantu mwari mubanye amahoro barakunesheje.
8 Yehova avuze ati:
«Mbega kuri uwo musi sinzozimanganya inkerebutsi zo muri Edomu+,
nkazimanganya n’ugutahura mu karere k’imisozi ka Esawu?
9 Abarwanyi bawe bazotekerwa n’ubwoba+, ewe Temani+,
kuko umwe wese azokwicirwa mu karere k’imisozi ka Esawu inganda nizatikira+.
10 Kubera ubukozi bw’ikibi wagiriye mwenewanyu Yakobo+,
uzokwuzura ibimaramare+,
kandi uzozimangana ibihe vyose+.
11 Umusi wari wihagarariye ku ruhande,
umusi ab’ahandi batwara ingabo ziwe bakazigira imbohe+,
igihe abanyamahanga binjira mw’irembo ryiwe bagapfindira+ Yeruzalemu,
wakoze nka bo.
12 Ntiwari ukwiye kwigina ku musi mwenewanyu ashikirwa n’amagorwa+.
Ntiwari ukwiye kunezerwa ku musi abantu bo mu Buyuda bahona+,
kandi ntiwari ukwiye kuvugana ubwishime ku musi w’amarushwa yabo.
13 Ntiwari ukwiye guca mw’irembo ry’abantu banje ku musi bashikirwa n’ivyago+.
Ntiwari ukwiye kwigina amakuba babonye ku musi bashikirwa n’ivyago,
kandi ntiwari ukwiye gutwara ivyo batunze ku musi bashikirwa n’ivyago+.
14 Ntiwari ukwiye guhagarara mu masanganzira, kugira wice abantu babo bacitse kw’icumu+,
kandi ntiwari ukwiye gushikiriza umwansi abantu babo barokotse ku musi w’ivyago+.
15 Kuko umusi wa Yehova wo kurwanya amahanga yose uri hafi+.
Kurya wagize, ni ko uzogirirwa+.
Ivyo wakoreye abandi bizokugaruka ku gatwe.
Azonywa agotomere,
amere nk’ayatigeze kubaho.
17 Ariko ku musozi Siyoni hazoba hari abacitse kw’icumu+,
kandi uzoba mweranda+.
Abakomoka kuri Yakobo bazosubira kwigarurira ibintu vyabo+.
18 Abakomoka kuri Yakobo bazoba umuriro,
abakomoka kuri Yozefu babe urubeya,
abakomoka kuri Esawu na bo babe nk’ibishakara.
Bazobaturira babaherengeteze.
Nta wuzorokoka mu bakomoka kuri Esawu+,
kuko Yehova ubwiwe abivuze.
19 Bazokwigarurira akarere ka Negebu, akarere k’imisozi ka Esawu+,
aka Shefela, n’igihugu c’Abafilisitiya+.
Bazokwigarurira akarere ka Efurayimu n’aka Samariya+,
kandi abakomoka kuri Benyamini bazokwigarurira akarere ka Gileyadi.
20 Nayo abajanywe mu bunyagano begukira iki gihome*+,
ari bo Bisirayeli, igihugu c’Abanyakanani kizobegukira gushika i Zarefati+.
Kandi ab’i Yeruzalemu bagizwe inyagano bari i Sefaradi bazokwigarurira ibisagara vyo mu karere ka Negebu+.