Ezekiyeli
26 Mu mwaka ugira 11, ku musi wa mbere w’ukwezi, Yehova ambwira ati: 2 «Mwana w’umuntu, Tiro yavuze yigamba kuri Yeruzalemu+ ngo: “Awa! Rya rembo ry’amahanga ryasenyuwe+! Ko yatikijwe, ibintu vyose bizoza iwanje, nce mba umutunzi.” 3 Umukama Segaba Yehova avuze rero ati: “Ewe Tiro, ngira ndakurwanye, ndakurungikeko amahanga menshi, nka kurya ikiyaga kirungika imipfunda. 4 Bazosambura inzitiro za Tiro, bamenagure iminara yaho+. Nzokukumura umukungugu waho, hasigare ari urutare rukayangana kandi rugaragara. 5 Hazocika imbuga yo kwanikirako insenga z’umukwabu hagati mu kiyaga+.”
“Ni jewe ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “kandi hazosahurwa n’amahanga. 6 Ababa mu bigwati vyiwe* vyo hagati mu gihugu bazokwicishwa inkota, kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”
7 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe ngira nzane Nebukadinezari* wa mwami wa Babiloni, aze avuye mu buraruko atere Tiro+. Ni umwami w’abami+, afise amafarasi+, imikogote+ y’intambara, abarwanira ku mafarasi n’ingabo* nyinshi. 8 Ababa mu bigwati vyawe vyo hagati mu gihugu, azobicisha inkota. Azokwubaka uruzitiro rwo kugutera, arunde ibintu vyo kwuririrako ngo agutere, yongere akurwanye afise inkinzo ikomeye. 9 Azosenyura inzitiro zawe akoresheje ikigiga*, asiturire hasi iminara yawe akoresheje amashoka*. 10 Amafarasi yiwe azoba ari menshi ku buryo azotumura umukungugu awukurenze. Urwamo rw’abarwanira ku mafarasi, urw’imikogote n’urw’amapine yayo, ruzotuma inzitiro zawe zitigita niyinjira mu marembo yawe, nka kurya abasoda bashwara igisagara c’inzitiro zasenyutse. 11 Amabarabara yawe yose azoyakandagiza ibinono vy’amafarasi yiwe+. Abantu bawe azobicisha inkota, inkingi zawe zikomeye na zo zisenyukire hasi. 12 Bazosahura amatunga yawe, banyage ibidandazwa vyawe+, basambure inzitiro zawe, amazu yawe mezameza na yo bayasiturire hasi. Amabuye yawe n’ibintu vyawe bikozwe mu giti be n’ivu ryawe bazoca babiterera mu mazi.”
13 “Nzohagarika urwamo rw’indirimbo zawe, kandi ijwi ry’inanga zawe ntirizokwongera kwumvikana+. 14 Nzotuma usigara uri urutare rukayangana kandi rugaragara. Uzocika imbuga yo kwanikirako insenga z’umukwabu+. Ntuzogenda usubiye kwubakwa, kuko ari jewe Yehova ndabivuze”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
15 Umukama Segaba Yehova abwiye Tiro ati: “Ugira ngo amazinga ntazotigita niyumva urwamo rw’ugutemba kwawe, igihe abari ku mpfiro* bazoba bariko baraniha, n’inganda ziriko ziratikira iwawe+? 16 Abakuru* bose b’ikiyaga bazova ku ntebe zabo z’icubahiro, bakure amakanzu* yabo, bambure impuzu zabo zideshe, bajugumire*. Bazokwicara hasi bagume bajugumira, bakurabe bumiwe+. 17 Bazokuririmbira akaririmbo k’intimba+, bakubwire bati:
‘Ewe kuntu wayogeye+, wewe wahora ubamwo abantu bava mu biyaga, wewe gisagara cavugangwa!
Mwe n’abakubamwo mwari agakomeye ku kiyaga+,
mukajugumiza ababa kw’isi bose!
19 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ninagutikiza nka vya bisagara bitabamwo abantu, nkakuzanako isegenya ry’amazi asuriranya, n’amazi menshi akakurengera+, 20 wewe hamwe n’abamanukana nawe muri ca cobo*, nzotuma muhamvya aba kera. Nzotuma uja kuba ahantu h’epfo rwose, cokimwe n’ibibanza vya kera vyatikijwe, uri kumwe n’abamanuka muri ca cobo+, kugira ngo ntihagire uwusubira kukubamwo. Nzoheza ntume igihugu c’abazima kiba ciza*.
21 Nzotuma uranduka umutima bukwi na bukwi, kandi ntuzosubira kubaho+. Bazokurondera mugabo ntibazopfa basubiye kugutora”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.»