Yesaya
20 Mu mwaka Tarutani* yaja i Ashidodi+ arungitswe na Sarugoni umwami wa Ashuri, yarahateye arahafata+. 2 Ico gihe Yehova yaravuze biciye kuri Yesaya+ mwene Amozi, amubwira ati: «Genda ukure iryo gunira ukenyeye, ukure n’ibirato* wambaye.» Aca agira ukwo nyene, agenda ari gusa*, ata n’ibirato yambaye.
3 Yehova araheza avuga ati: «Nka kurya nyene umusavyi wanje Yesaya yamaze imyaka itatu agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, kugira bibere ikimenyetso+ n’imburi Misiri+ na Etiyopiya+, 4 ni ko umwami wa Ashuri azoshorera Abanyamisiri+ azoba yagize imbohe, n’Abanyetiyopiya azoba yagize inyagano, baba abahungu canke abatama. Azobashorera bari gusa ata birato bambaye, n’ibisusu biri hejuru, ashire ahabona ubwambure bwa Misiri*. 5 Bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro cabo na Misiri bishimira*. 6 Kuri uwo musi ababa muri ico gihugu co ku nkengera y’amazi bazovuga bati: “Raba ivyashikiye abo twahora twizigiye, abo twahungirako ngo badutabare, badukize umwami wa Ashuri! None tugiye kuba aba nde?”»