ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yesaya 20
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Yesaya: ibirimwo

      • Ikimenyetso co kuburira Misiri na Etiyopiya (1-6)

Yesaya 20:1

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «umukuru w’ingabo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yos 13:2, 3
  • +Am 1:8

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/5/2015, rup. 9

Yesaya 20:2

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «isandari.»

  • *

    Canke «ari nk’aho ari gusa.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 1:1

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/12/2006, rup. 11

Yesaya 20:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 8:18
  • +Yes 19:1
  • +Yes 18:1

Yesaya 20:4

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «amaramaze Misiri.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 19:4

Yesaya 20:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «batamarira kubera ubwiza bwayo.»

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Yes. 20:1Yos 13:2, 3
Yes. 20:1Am 1:8
Yes. 20:2Yes 1:1
Yes. 20:3Yes 8:18
Yes. 20:3Yes 19:1
Yes. 20:3Yes 18:1
Yes. 20:4Yes 19:4
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yesaya 20:1-6

Yesaya

20 Mu mwaka Tarutani* yaja i Ashidodi+ arungitswe na Sarugoni umwami wa Ashuri, yarahateye arahafata+. 2 Ico gihe Yehova yaravuze biciye kuri Yesaya+ mwene Amozi, amubwira ati: «Genda ukure iryo gunira ukenyeye, ukure n’ibirato* wambaye.» Aca agira ukwo nyene, agenda ari gusa*, ata n’ibirato yambaye.

3 Yehova araheza avuga ati: «Nka kurya nyene umusavyi wanje Yesaya yamaze imyaka itatu agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, kugira bibere ikimenyetso+ n’imburi Misiri+ na Etiyopiya+, 4 ni ko umwami wa Ashuri azoshorera Abanyamisiri+ azoba yagize imbohe, n’Abanyetiyopiya azoba yagize inyagano, baba abahungu canke abatama. Azobashorera bari gusa ata birato bambaye, n’ibisusu biri hejuru, ashire ahabona ubwambure bwa Misiri*. 5 Bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro cabo na Misiri bishimira*. 6 Kuri uwo musi ababa muri ico gihugu co ku nkengera y’amazi bazovuga bati: “Raba ivyashikiye abo twahora twizigiye, abo twahungirako ngo badutabare, badukize umwami wa Ashuri! None tugiye kuba aba nde?”»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika