ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ezekiyeli 44
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

Ezekiyeli: ibirimwo

      • Irembo ryo mu buseruko rizoguma ryugaye (1-3)

      • Amategeko agenga abanyamahanga (4-9)

      • Amategeko agenga Abalewi n’abaherezi (10-31)

Ezekiyeli 44:1

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 43:1
  • +Ezk 46:1

Ezekiyeli 44:2

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 43:2

Ezekiyeli 44:3

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 12:5, 7
  • +Ezk 46:2

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 24-25

Ezekiyeli 44:4

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 6:1-3; Ezk 10:4
  • +Ezk 1:27, 28; 3:23

Ezekiyeli 44:5

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «shira ku mutima.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 40:4

Ezekiyeli 44:8

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 22:2; Gh 18:2, 3

Ezekiyeli 44:9

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Ubwami bw’Imana buraganza!, rup. 114

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 23

Ezekiyeli 44:10

Utujambo tw'epfo

  • *

    Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +2Bm 23:8, 9; 2Ng 29:1, 5; Neh 9:34; Yr 23:11; Ezk 8:5

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 18

Ezekiyeli 44:11

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Ng 26:1

Ezekiyeli 44:12

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Yes 9:16; Mal 2:8

Ezekiyeli 44:14

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 18:2, 4

Ezekiyeli 44:15

Amarabiro yo mu nkingi

  • +1Bm 2:35; Ezk 40:46
  • +Ezk 48:9, 11
  • +Lw 3:14-16
  • +Lw 17:6

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 18

Ezekiyeli 44:16

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Ezk 41:21, 22
  • +Gh 18:7

Ezekiyeli 44:17

Utujambo tw'epfo

  • *

    Raba Insiguro y’amajambo.

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 28:39, 42; 39:27, 28; Lw 16:4

Ezekiyeli 44:18

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 28:40, 42

Ezekiyeli 44:19

Utujambo tw'epfo

  • *

    Canke «mu vyumba.»

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ntizeze abantu.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 6:10; Ezk 42:14
  • +Ezk 42:13

Ezekiyeli 44:20

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 21:1, 5; Gus 14:1

Ezekiyeli 44:21

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 10:9

Ezekiyeli 44:22

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 21:7
  • +Lw 21:10, 14

Ezekiyeli 44:23

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Mal 2:7

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/8/2007, rup. 11

    1/3/1999, rup. 24

Ezekiyeli 44:24

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gus 17:9
  • +1Ng 23:3, 4; 2Ng 19:8
  • +Lw 23:2

Ezekiyeli 44:25

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 21:1-3

Ezekiyeli 44:27

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 4:3

Ezekiyeli 44:28

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Gh 18:20; Gus 18:1; Yos 13:14; Ezk 45:4

Ibitabu vy'ironderero

  • Igitabu c'ubushakashatsi

    Umunara w’Inderetsi,

    1/3/1999, rup. 24

Ezekiyeli 44:29

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Lw 2:3
  • +Lw 6:17, 18; 7:1, 6; 1Kr 9:13
  • +Lw 27:21; Gh 18:14

Ezekiyeli 44:30

Utujambo tw'epfo

  • *

    Mu giheburayo havuga ngo «ifu itanoze.»

  • *

    Canke «z’umushuzo.»

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 23:19; Gh 18:8, 12, 26, 27; Gus 18:4
  • +Gh 15:20; Neh 10:35-37
  • +Img 3:9, 10; Mal 3:10

Ezekiyeli 44:31

Amarabiro yo mu nkingi

  • +Kv 22:31; Lw 22:3, 8

Izindi Bibiliya

Fyonda ku murongo kanaka kugira ubone uko uvuga mu zindi Bibiliya.

Muri rusangi

Ezk. 44:1Ezk 43:1
Ezk. 44:1Ezk 46:1
Ezk. 44:2Ezk 43:2
Ezk. 44:3Gus 12:5, 7
Ezk. 44:3Ezk 46:2
Ezk. 44:4Yes 6:1-3; Ezk 10:4
Ezk. 44:4Ezk 1:27, 28; 3:23
Ezk. 44:5Ezk 40:4
Ezk. 44:8Lw 22:2; Gh 18:2, 3
Ezk. 44:102Bm 23:8, 9; 2Ng 29:1, 5; Neh 9:34; Yr 23:11; Ezk 8:5
Ezk. 44:111Ng 26:1
Ezk. 44:12Yes 9:16; Mal 2:8
Ezk. 44:14Gh 18:2, 4
Ezk. 44:151Bm 2:35; Ezk 40:46
Ezk. 44:15Ezk 48:9, 11
Ezk. 44:15Lw 3:14-16
Ezk. 44:15Lw 17:6
Ezk. 44:16Ezk 41:21, 22
Ezk. 44:16Gh 18:7
Ezk. 44:17Kv 28:39, 42; 39:27, 28; Lw 16:4
Ezk. 44:18Kv 28:40, 42
Ezk. 44:19Lw 6:10; Ezk 42:14
Ezk. 44:19Ezk 42:13
Ezk. 44:20Lw 21:1, 5; Gus 14:1
Ezk. 44:21Lw 10:9
Ezk. 44:22Lw 21:7
Ezk. 44:22Lw 21:10, 14
Ezk. 44:23Mal 2:7
Ezk. 44:24Gus 17:9
Ezk. 44:241Ng 23:3, 4; 2Ng 19:8
Ezk. 44:24Lw 23:2
Ezk. 44:25Lw 21:1-3
Ezk. 44:27Lw 4:3
Ezk. 44:28Gh 18:20; Gus 18:1; Yos 13:14; Ezk 45:4
Ezk. 44:29Lw 2:3
Ezk. 44:29Lw 6:17, 18; 7:1, 6; 1Kr 9:13
Ezk. 44:29Lw 27:21; Gh 18:14
Ezk. 44:30Kv 23:19; Gh 18:8, 12, 26, 27; Gus 18:4
Ezk. 44:30Gh 15:20; Neh 10:35-37
Ezk. 44:30Img 3:9, 10; Mal 3:10
Ezk. 44:31Kv 22:31; Lw 22:3, 8
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Soma muri Bibiliya y’isi nshasha (bi12)
  • 1
  • 2
  • 3
  • 4
  • 5
  • 6
  • 7
  • 8
  • 9
  • 10
  • 11
  • 12
  • 13
  • 14
  • 15
  • 16
  • 17
  • 18
  • 19
  • 20
  • 21
  • 22
  • 23
  • 24
  • 25
  • 26
  • 27
  • 28
  • 29
  • 30
  • 31
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezekiyeli 44:1-31

Ezekiyeli

44 Maze angarukana kw’irembo ry’urusengero ry’inyuma riraba mu buseruko+, kandi ryari ryugaye+. 2 Hanyuma Yehova ambwira ati: «Iri rembo rizoguma ryugaye. Ntirizokwugururwa, kandi nta muntu azoricamwo, kuko Yehova Imana ya Isirayeli yariciyemwo+. Ritegerezwa rero kuguma ryugaye. 3 Ariko umukuru wewe azoryicaramwo, kugira ngo arire umukate imbere ya Yehova+ kubera ko ari umukuru. Azokwinjira aciye mw’ibaraza ry’iryo rembo, kandi ni ho azosohokana+.»

4 Nuko anzana imbere y’urusengero ancishije mw’irembo ryo mu buraruko. Ndavye, mbona ubuninahazwa bwa Yehova bwamaze kwuzura urusengero rwa Yehova+. Maze nca ngwa nubamye+. 5 Maze Yehova ambwira ati: «Mwana w’umuntu, tega yompi*, witegereze, kandi wumvirize neza ivyo ngira nkubwire vyose ku bijanye n’ivyagezwe vy’urusengero rwa Yehova n’amategeko yarwo. Shira umutima ku bwinjiriro bw’urusengero no ku miryango yose isohoka y’ahantu heranda+. 6 Bwira Abisirayeli, ba bagarariji, uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Yemwe Bisirayeli, ibintu bishisha mukora biramaze! 7 Igihe mwinjiza ahantu hanje heranda abanyamahanga batagenyerewe ku mutima no ku mubiri, barahumanya urusengero rwanje. Mushikana umukate wanje, ikinure n’amaraso kandi murenga kw’isezerano ryanje kubera ibintu vyose bishisha mukora. 8 Ntimwitwararitse ibintu vyanje vyeranda+. Ahubwo ibikorwa vy’ahantu hanje heranda mwabishinze abandi.’”

9 “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Nta munyamahanga atagenyerewe ku mutima no ku mubiri aba muri Isirayeli azokwinjira ahantu hanje heranda.’”

10 “Mugabo Abalewi bagiye kure yanje+ igihe Abisirayeli bampeba bagakurikira ibigirwamana vyabo bisesemye*, bazoshikirwa n’ingaruka z’ikosa ryabo. 11 Bazokorera ahantu hanje heranda, bahagarikire amarembo y’urusengero+, bakorere ku rusengero. Bazobāgira abantu ibitungwa vy’amashikanwa aturirwa uko yakabaye n’ibindi bimazi, kandi bazohagarara imbere y’abantu kugira babakorere. 12 Ko babakoreye imbere y’ibigirwamana vyabo bisesemye, bakaba igitsitaza catumye Abisirayeli bacumura+, ni co gituma ndugije ukuboko kwanje nkarahira yuko bazoshikirwa n’ingaruka z’ikosa ryabo”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 13 “Ntibazokwegera hafi yanje ngo bankorere ari abaherezi banje canke ngo hagire ibintu vyanje vyeranda canke vyeranda cane begera. Bazomaramara kubera ibintu bishisha bakoze. 14 Mugabo nzobagira abajejwe kwitwararika ivy’urusengero kugira biteho imirimo yaho n’ibindi vyose bikwiye kuhakorerwa+.”

15 “Nayo abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki+, bitwararitse ibikorwa vy’ahantu hanje heranda igihe Abisirayeli bampeba+, bazokwegera hafi yanje ngo bankorere. Bazohagarara imbere yanje kugira ngo banshikanire ikinure+ n’amaraso+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. 16 “Ni bo bazokwinjira ahantu hanje heranda, begere imeza yanje ngo bankorere+, kandi bazokwitwararika ivyo nabajeje+.

17 Nibinjira mu marembo y’ikigo c’indani, baze bambare impuzu z’ilino*+. Ntibakwiye kwambara impuzu n’imwe ikozwe mu bwoya igihe bakorera mu marembo y’ikigo c’indani canke indani mu kigo. 18 Bakwiye kwambara ibitambara bazingira mu mutwe vyo mw’ilino n’amabutura yo mw’ilino+. Ntibaze bambare ikintu na kimwe cotuma babira icuya. 19 Imbere y’uko basohoka ngo baje mu kigo c’inyuma aho abantu bari, baze babanze bambure impuzu bakoze bambaye+, bazishire mu bibanza vy’uburiro* vyeranda+. Bazoheza bambare izindi mpuzu kugira impuzu zabo ntizitume abantu baba beranda*. 20 Ntibaze biharanguze umutwe+ canke ngo batereke umushatsi ube muremure. Baze bagabanishe umushatsi wabo. 21 Abaherezi ntibaze banywe umuvinyu igihe binjira mu kigo c’indani+. 22 Ntibaze barongore umupfakazi canke umugore yahukanye+. Ariko barashobora kurongora umwigeme w’isugi akomoka mu Bisirayeli canke umupfakazi asigwa n’umuherezi+.”

23 “Baze bigishe abantu banje itandukaniro riri hagati y’ikintu ceranda n’igisanzwe. Baze babafashe kumenya itandukaniro riri hagati y’icanduye n’ikitanduye+. 24 Ni bo bazohagarikira imanza, bazice+. Bazoce urubanza bisunze ingingo nashinze+. Baze bubahirize amategeko yanje n’ivyagezwe vyanje bijanye n’imisi mikuru yanje yose+, kandi ntibahumanye amasabato yanje. 25 Ntibaze begere umuntu n’umwe yapfuye kuko boca bahumana. Mugabo barashobora kwihumanya kubera ba se, ba nyina, abahungu babo, abakobwa babo, benewabo canke bashiki babo batubatse+. 26 Umuherezi amaze guhumanurwa baze bamuharurire imisi indwi. 27 Umusi azokwinjira ahantu heranda, mu kigo c’indani, kugira ngo akorere ahantu heranda, aze atange ishikanwa ryiwe ry’igicumuro+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.

28 “Kandi iki ni co kizobabera intoranwa: ni jewe ntoranwa yabo+. Ntihaze hagire itongo mubaha muri Isirayeli kuko ari jewe tongo ryabo. 29 Ni bo bazorya ishikanwa ry’intete+, iry’igicumuro n’iryo kwagirwa n’icaha+, kandi ikintu cose ceguriwe Imana muri Isirayeli kizoba rwabo+. 30 Ivyamwa vyose vyeze ubwa mbere vyiza kuruta ibindi n’intererano z’ubwoko bwose muzotanga, bizoba ivy’abaherezi+. Intete zijanjaguye* z’ivyeze ubwa mbere* muzoziha umuherezi+. Ivyo bizotuma ingo zanyu zamana umuhezagiro+. 31 Abaherezi ntibaze barye ico basanze capfuye canke catabaguwe+, yaba ari inyoni canke igikoko.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika